Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzoga y’umudiringi yatujijwe muri Komine Musaga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Inzoga y’umudiringi yatujijwe muri Komine Musaga

Inzoga y’umudiringi yatujijwe muri Komine Musaga

jeudi 23 Nzero 2014

Muri Komine Musaga iri mu gisagara ca Bujumbura harakozwe igikorwa co gutuza inzoga zitemewe n’amategeko zari zigisibije muri iyo komine.
Abajejwe intwaro harimwo n’uwurongoye iyo Komine ari kumwe na bamwe mu barongoye abandi muma karitiye, abajejwe umutekano n’abo mw’igendereza, ku munsi wa kabiri bazindutse igihe c’isaha imwe n’inusu y’igitondo batuza inzoga yitwa umudiringi yari igisibije muri iyo komine ya Musaga.

Imihana igera kuri 5 yengerwamwo iyo nzoga yaruguruwe abajejwe umutekano n’abo bari mw’ico gikorwa kuko beneyo bari bahunze. Mu muhana wa mbere bahasanze ibigunguru 4 vy’umudiringi bijamwo amaritiro 200, umuhana wa kabiri basangayo ibigunguru 2, umuhana wa 3 basanzeyo igisafuriya cuzuye iyo nzoga, umuhana wa 5 warimwo ibigunguru 5 vyuzuye iyo nzoga. Ivyo bikunguru vyose vyari vyuzuye vyaciye biseswa. Iyo mihana yose yari kw’ibarabara rya mbere ry’iyo Komine. Kw’ibarabara 2, mu mihana 3 basatse basanze umuhana umwe urimwo vya bigunguru 7 bijamwo amaritiro 200.

Nk’uko bivurwa n’umwe mu barongoye karitiye izo nzoga zafatiwemwo, iyo nzoga izana amabi menshi mu banyagihugu arongoye kuko iyo nzoga ubwa mbere ikorwa mu sukari, amayani hamwe n’umwambiro wa Levure. Abanywa iyo nzoga usanga umubiri waravyimvye. Bararwara cane indwara y’igituntu nk’uko ivyo bibonekera kw’ivuriro ryo ku Musaga. Uwo mutware abandanya avuga ko iyo nzoga itera n’umutekano muke kuko ituma haba ubusuma, ubusambanyi, kwahukana n’ayandi mabi ava ku kaborerwe karenze.

Muri iryo sakwa, ibikoresho vyakoreshwa mu kwenga iyo nzoga vyarafashe bijanwa ku kirindiro c’igiporisi kiri muri Komine Musaga. Ico twashoboye kumenya n’uko ivyo bikoresho bigiye kuzoturirwa mu ntumbero yo guhasha urwo rudandazwa. Ikindi n’uko abadandaza izo nzoga batashoboye kubafata kuko bari bomotse.
Mwomenya ko icupa rimwe ry’umudiringi rigurwa amafaranga 500 y’amarundi.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.