Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inzoga zibujijwe n’amategeko zirabangamiye abanyagihugu mu ntara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Inzoga zibujijwe n’amategeko zirabangamiye abanyagihugu mu ntara (...)

Inzoga zibujijwe n’amategeko zirabangamiye abanyagihugu mu ntara 14

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe AAM’’Les Amis de la Nature’’ ryitaho ibidukikije yerekana ko mu ntara 14, abanyagihugu bihereza inzoza zitemewe n’amategeko harimwo kanyanga n’izindi. Ngo zibatera ingwara za cancer hamwe no kuvyimba amaguru.

Mamert Sabushimike arongoye ishirahamwe AAN ryitaho ibidukikije amenyesha ko ishirahamwe ryiwe riherutse kugira amatohora ku vyerekeye ingene inzoga zitemewe n’amategeko zirimwo umwambiro mwinshi zinyobwa. Ayo matohoza yabaye mu ntara 14 z’igihugu cane cane mu bumanuko no mu buseruko bw’igihugu.

Inzoga zambiye zitemewe n’amategeko amabanyagihugu bakunda kwihereza ngo ni kanyanga, umunanasi, iyo bita ikibarbe, umukororajipo n’izindi. Cene cane ngo ziherezwa n’abanyagihugu batobato.

Izo nzoga ngo zitegurwa nabi cane kubera isukuk rike. Ngo bazishiramwo isukari nyinshi,umwambiro ukase bita Levure,icayi,itabi ,urumogi hamwen’ibishishwa vy’imyumbati vyaguye ifira. Aho rero ngo ni kugira zikare cane uwuzihereje aborerwe n’ingoga.

Ikindi naco ngo aho bazitegurira isukuk ni rike cane.bakoresha amasafuriya n’imiringoti yaguye ingese n’ibindi vyombo bitogeje.

Mamert Sabushimike avuga ko ivyo vyose biuma izo nzoga zambiye zitemewe n’amategeko zitera ingwara nyinshi abazihereza. Kenshina kenshi bafatwa n’ingwara za cancer,kuzingama, kunanuka umubiri wose,kuvyimba ibirenge amaboko hamwe n’inda. Uwuzihereza kenshi ntaja ku mwanda mutoye neza kandi ngo ntarangura neza amabanga y’abubatse. Ikindi naco ngo abantu baborewe izo nzoga barakunda kurwana kandi bakicane mu ntara za Bururi na Makamba.

Iryo shirahamwe risaba abanyagihugu kuziheba ku neza y’amagara yabo. Risaba abajejwe intwaro n’amagara y’abantu hamwe n’igipolisi ko cohagurukira kurwanya ivyo biyayura mutwe kuko bibangamiye amagara y’abantu, uwufashwe adandaza izo nzoga ngo yohanwa hisunzwe amategeko kugira n’abandi babonereho akarorero bazihebe.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.