Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irani: abakenyezi basa n’abatarekuriwe urukino rwo kwoga - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Irani: abakenyezi basa n’abatarekuriwe urukino rwo kwoga

Irani: abakenyezi basa n’abatarekuriwe urukino rwo kwoga

vendredi 5 Mukakaro 2013

Ibirometero 20 Elham Asghari yamaze ariko aroga ku nkengera y’igisagara ca Nochahr (muri Irani) yarwijwe n’ubusa na Marzieh Akbarabadi, icegera c’umushikiranganji ajejwe ivyerekeye abagore n’inkino wo muri Irani. Uwo mukenyezi akaba yariko aharanira ukuba uwambere yoze ikirere kinini mu mwanya muto.

Inyuma y’amasaha 8 ariko aroga ku mpande z’igisagara ca Nochahr, imbere y’uwuserukira ishirahamwe ry’abanonotsi b’umukino wo kwoga. Inyuma y’uwo mwanya, yabaye umukenyezi ashoboye kugira ico kirere kuri uyo mwanya. Ariko ashitse imusozi ntibamuhaye iteka yari yiteze. Imvo nayo akaba ari uko yari yambaye impuzu zo mu mazi zokoga zitemewe n’itegeko ryaki islam rya “Charia”.
Ku rubuga rwiwe rwa facebook, uwo mukenyezi w’imyaka 32 akaba yavuze ko vyamubabaje cane. Ati: “Umukino wo kwoga si umukino uhariwe abagabo gusa. Abakenyezi natwe turafise uburenganzira bwo kugira urwo rukino”. Elham Asghari akaba yongeye gutangazwa niyo ngingo y’uwaserukiye ubutegetsi bwa Irani. Yavuze ko atakintu kibujijwe yari yambaye.

Umushikiranganji babonanye mu nyuma akaba yabwiye uwo mukenyezi ko yohindura umukino. Elham Asghari akaba yagize ati: “ Mbega umunonotsi mu kwoga yoba umunonotsi mwiza gute muri tennis?”.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.