IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Isanamu nshasha ibonekamwo T-Max ariko ararima, Sat B agendesha (...)

Isanamu nshasha ibonekamwo T-Max ariko ararima, Sat B agendesha "Tukutuku"

mardi 10 Ruheshi 2014

Bamwe mu bihangange mu muziki w’Uburundi bafitaniye amasezerano na "African Sound Records" baragiye hamwe basohora ururirimbo ruhamagarira Abarundi bose gukura amaboko mu mpuzu bagakora. Eka n’abo baririmvyi baboneka bariko bakora ubuzi tutamenyereye ku bantu bafatwa nk’ibihangange.

JPEG - 32.7 ko
Ikimenyetso ca African Sound Records

Ururirimbo rwitwa "Abakozi" rwaririmbwe n’umurwi w’ibihangange mu muziki w’Uburundi na mpuzamakungu "Buja Super Stars" ari bo T-Max. Lolilo, Sat-B, Mkombozi, Happy Famba na Black G. Urwo ruririmbo rutera akamo Abarundi bose kuja ku kivi, bagakura amaboko mu mpuzu.

Isanamu (Video) y’ururirimbo abakozi ibereye ijisho, ibonekamwo abo baririmvyi bari mu mirimo itandukanye tutabamenyereyemwo. Uwuyiravye abonamwo Sat-B ariko atwara abantu muri ya modoka y’amapine 3 bita "Tuk Tuk", T-Max nawe akaba aboneka ariko araririma asa n’uwutabimenyereye, Mkombozi ari umutegetsi wo mu biro, Black G adandaza utuntu kw’ibarabara, Happy Famba nawe afasha umushoferi bamwe bita "convoiyeurs". Bose hamwe bati :"Akazi niko kazoza kawe."

Mwomenya ko abo baririmvyi bose bari mubaherutse kugirana amasazerano n’inzu ihinyanyura imiziki "African Sound Records". N’urwo ruririmbo "abakozi" niyo rwakorewe.

Umviriza wongere wirabire isanamu y’ururirimbo "abakozi"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.