IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi "One Heart Worship Nation"wacerejwe n’ubunebwe bwo muri "Kim Frans (...)

Umurwi "One Heart Worship Nation"wacerejwe n’ubunebwe bwo muri "Kim Frans Record"

mardi 13 Rusama 2014

Umurwi uririmba indirimbo mpimbazamana"One Heart Worship Nation" uriko umenyesha igikorwa gikomeye kitaworoheye. Ico si ikindi, n’urukwirikirane rw’indirimbo 10 baherutse gushira ahabona inyuma y’imyaka hafi 4. Insiguro n’ingorane zitari nke bagiranye n’abakora imiziki"Producteurs".

JPEG - 78.3 ko
Umurwi "One Heart Worship Nation"uri mu giteramo

Urukwirikirane bise"Ubu Ndiho" rugizwe n’indirimbo 10 ruherutse gusohoka ruva muri "studio" Nayoth Rama Production". Manirakiza Benjamin ajejwe gutanga amakuru muri uwo murwi, avugako kugira urwo rukwirikirane rutebe ruje ahabona rwahuye n’ivyago vyinshi. Aja k’umuriri ati:"Uru rukwirikirane rumaze hagati y’imyaka 3 ni 4 rukorwa. Twatanguriye muri "Ingoma Arts", aho twahaze nk’imyaka 2 tubarondera tubabura, turateba tubaka amahera yacu, tuvuye aho twagiye muri Kim Frans Record. Ayo twahaboneye sinokubwira kuko umuhinyanyuzi Emeric yaduha ama rendez-vous ariko tuhashitse tumuhamagaye ntiyitabe. Aho twahamaze hafi imyaka ibiri."

Abo mu murwi One Heart Worship Nation bamaze kubona abahinyanyuzi babankiye baciye baja muri "Nayoth Rama Production" aho umuhinyanyuzi Heritier yababereye umumalayika w’ibikorwa. Uwo yasubiyemwo indirimbo zose zakozwe na Emeric wo Kim Frans Record maze abahereza igikorwa ciza ku ruhande rw’amajwi. Ikindi yatubwiye n’uko bahebeye "Studio Kim Frans Record"amahera angana 300.000 y’amarundi. Zimwe mu ndirimbo ziri muri urwo rukwirikirane ni:"Yesu niwe Nzira","J’ai besoin de Toi", "Nta rubanza", n’izindi...

Mu rukwirikirane"Ubu Ndiho", harimwo amasanamu y’indirimbo 3 nka:"twirate Intsizi’, "Uhoraho azonyigumiriza", "Nta Rubanza", ayo nayo yakorewe muri Iwacu.net. Hari n’ururirimbo bise "Dusubize hamwe"rufise n’isanamu ya rwo batashimye gushira mu rukwirikirane. Imvo n’uko bidasangiye ihangiro n’izindi.

Umurwi "One Heart Worship Nation"haburamwo Ndayishimiye Pascal

Mwomenyako umurwi wa "One Heart Worship Nation" ugizwe n’imisore 6, iva mu shengero atandukanye ariko bose bahurira ku civugo kimwe ari naco bitiriye uwo murwi.

Umviriza wongere urabe ururirimbo "Nta rubanza"


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.