Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ishirahamwe OMS ryerekanye uburyo bushasha bugiye gukoreshwa mu kurwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ishirahamwe OMS ryerekanye uburyo bushasha bugiye gukoreshwa mu kurwanya (...)

Ishirahamwe OMS ryerekanye uburyo bushasha bugiye gukoreshwa mu kurwanya igituntu

mercredi 9 Mukakaro 2014

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS ryerekanye uburyo bushasha bugiye gukoreshwa mu kurwanya burundu indwara y’igituntu, mu bihugu bisinzikajwe kurusha ibindi.

Nk’uko vyasomwe mw’itangazo ryasohotse kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2014, ishirahamwe mpuzamakungu OMS ryifadikanije n’ishirahamwe rya buraya riraba indwara zo mu mahaha, ERS (European respiratory society), ryamenyesheje ko hagiye kuza ubundi buryo bwo kurwanya burundu indwara y’igituntu kw’isi. Ubwo buryo bukazotuma igitigiri c’abaharurwa ku mwaka ku mwaka banduye indwara y’igituntu bagabanuka.

Mu matohoza aheruka gukorwa vuba, ku bihugu bigera ku 33 kw’isi vyaharuwemwo abantu bashika 100 bafise indwara y’igituntu, ku muriyoni w’abantu baba ku butaka bw’ivyo bihugu. Uburyo bushasha bwashinzwe mu kurwanya igituntu, mu gice ca mbere « pre-elimination », bukazosaba kusubiza igitigiri ku mwaka c’abantu barwara igituntu bakaja munsi ya 10 ku muriyoni w’abantu, gushika mu mwaka w’2035.

Intumbero akaba ari ukurwanya burundu indwara y’igituntu nko mu mwaka w’2050, aho ku mwaka igitigiri c’abayifise kizoba kiri munsi ya 1 kw’ijana ku muriyoni umwe w’abantu.
Ubwo buryo bwerekanywe, mu mugambi mushasha w’ishirahamwe OMS wo kurwanya indwara y’igituntu wo kuva mu mwaka w’2016 gushika mu mwaka w’2035, bukaba bwakozwe n’abahinga bo mu bihugu bifise igitigiri kiri hasi c’abagendana indwara y’igituntu.

Mwomenya ko ubwo buryo bwemejwe n’inama mpuzamakungu ku bijanye n’amagara y’abantu yabaye mu kwezi kwa Rusama 2014.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.