Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isuku rike rirabangamiye amagara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Isuku rike rirabangamiye amagara y’abantu

Isuku rike rirabangamiye amagara y’abantu

vendredi 11 Nzero 2013

Isuku riri mu bintu biranga abantu. Iyo isuku ririho, ntakibuza ko amagara y’abantu baba ahari isuku nayo yifata neza.Ahari isuku haboneka neza n’abahaca bakaboneka neza kuko atagituma bandura, haba ku mubiri hejuru canke mu mubiri.

Muri ino minsi,ibice birenga 80 kw’ijana vy’indwara zibonekeza mu gihugu ziva kw’isuku rike nk’uko amakuru ava m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA abimenyesha.Ni muri iyo ntumbero n’umukuru w’igisata c’igihugu kiraba ivyo isuku mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Prosper Muyuku ahamagarira abanyagihugu gukurikirana neza ibijanye n’isuku.

Ku bijanye nyene n’isuku, amazi ava mu mazu y’abantu aseseka mu mabarabara n’ayo nyene arashobora kuba inyanduruko y’indwara mu gihe atacokorwa mu maguru masha. Akarorero kari hafi ni karitiye ya 6 yo muri komine ya Ngagara.

Umuyobozi ajejwe ivyo isuku Prosper Muyuku akaba yaragize ico avuga kubw’abanyagihugu bari mu bihe nk’ivyo,akaba yamenyesheje ko urwo ari urugamba mu gisagara ca Bujumbura.

Akaba asaba abarongoye igisagara kugira bahe uburyo ishirahamwe SETEMU kugirango ishike ku gikorwa yishinze co gutunganya ibijanye n’isuku.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.