Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itabi na hasima birabangamiye amagara y’abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Itabi na hasima birabangamiye amagara y’abantu

Itabi na hasima birabangamiye amagara y’abantu

jeudi 13 Ruheshi 2013

Ku mwaka ku mwaka abantu bagera ku miliyoni zigera kuri 5 nibo bahitanywe n’itabi aho mbere haharurwa abantu bagera ku miriyoni 10 bo mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere, ni ukuvuga ibice 80 kw’ijana.

Itabi rifise ingaruka mbi ku magara y’abantu, eka mbere no ku bidukikije hano mu Burundi. Mu bushakashatsi bwakozwe mu mwaka w’2011, vyaragaraye ko ibice bigera kuri 12,3 kw’ijana, usanga abanywa itabi ari abana bakiri bato bafise imyaka 10. Imvo n’uko usanga baba babitewe n’abagenzi canke bivuye ku bavyeyin babo usanga barinywa, ivyo bikaba ari ivyatangajwe na Godefroid Kamwenubusa yatanze ikiganiro mu ruganda rwateguwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA ku bamenyeshamakuru, uno munsi igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013, mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya kunywa itabi.

Ku mwaka ku mwaka, igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013 kw’isi yose barahimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara ya Hasima. Mu ruganda rwari rwateguriwe abamenyeshamakuru uno munsi, berekanye n’isano riri hagati yo kunywa itabi n’indwara ya hasima.

Nkuko vyasiguwe na muganga Francois Ndikumwenayo, indwara ya Hasima ni indwara ifatira mu mahaha, aho usanga uwuyirwaye afise ingorane zo guhema. Kubibaza ko Hasima yoba iri indwara y’akaronda, yasiguye avuga ko ari indwara ishobora kuva ku bumere bw’umuntu canke bivanye n’ingene uwo muntu yakuze.

Mu Burundi, ibice 10 kw’ijana nico gitiri c’abantu baza kwa muganga kuyivuza. Biboneka ko nayo ihitana abantu insinzi co kimwe n’itabi. Umuntu anywa itabi ashobora kuba agwaye Hasima kuko kunywa itabi bishobora kuba intanduro yo kugwara hasima kubw’umwotsi utumukira mu mahaha.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burahamagira uwo wese azi ingaruka zo kunywa itabi guhimiriza abarinywa barihebe, abatarinywa nabo baryirinde. Kubwa muganga Francois, ibinyamakuru n’abamenyeshamakuru bifise uruhara runini kugira igitigiri c’abahitanwa n’itabi canke Hasima kigabanuke amazi atarasubira kurenga inkombe.

Mwomenya ko umunsi mpuzamakungu wahariwe kutanywa itabi uhimbazwa ku mwaka ku mwaka igenekerezo rya 31 Ruheshi, hano mu Burundi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2013, mu ntara ya Muramvya muri komine Bukeye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.