Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Itangazo rya UNFPA ku musi mpuzamakungu wo kurwanya indwara yo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Itangazo rya UNFPA ku musi mpuzamakungu wo kurwanya indwara yo mu (...)

Itangazo rya UNFPA ku musi mpuzamakungu wo kurwanya indwara yo mu kigo

jeudi 23 Rusama 2013

Abakenyezi n’abigeme baharurwa kuva ku miriyoni zibiri gushika kuri zitatu bo mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere nibo bafatwa n’indwara yo mu kigo, indwara yamaze kwirukanwa mu bihugu biteye imbere.

Indwara yo mu kigo ikaba ishobora gukingirwa, kenshi mbere ikavurwa, naho ku mwaka ku mwaka uburyo bwo kwandura buguma buhindagurika kugera ku bihumbi mirongo itanu.

Abafatwa n’iyo ndwara bakaba ari abakenyezi n’abigeme, baturuka mu bihugu bikenye kenshi usanga batize kandi badafise uburyo bukwiye bwo gushika kwa muganga nk’iyo bibungenze canke bamaze imisi mikke bibarutse.

Muri kino gihe ubuhinga bwateye imbere haba ku buvuzi canke gutumatumanako amakuru, ntivyari bikwiye ko abakenyezi n’abigeme bakenye, babayeho mu buzima butoroshe babandanya gufatwa n’iyo ndwara.

Abo bakenyezi n’abo bigeme nibo baha intege ikigo UNFPA kugira citange kitiziganya(ico kigo UNFPA) kugira imbanyi yose isamwe ibe yipfujwe, ntihagire umwana yoba akivukira ku mpanuka, urwaruka rwose rukurire mu buzima burworohereza guhangana n’ibibazo isi ihura navyo.

Ukutarwanya indwara yo mu kigo ni nk’ukutubahiriza amateka nshingiro, bikabonekera mu kudahabwa uburenganzira bumwe, ibibazo vyo muri rusangi nk’ugukumira, ubusumbasumbane mu mibereho, ugushingira abana bakiri bato, imbanyi z’intahekana, vyose vyugariza ubuzima bw’umukenyezi n’umukobwa, bikamubuza guhimbarirwa amateka nshingiro.

Ni muri iyo ntumbero ikigo UNFPA, imyaka cumi iraheze, gitunganya kandi kigakurikirana ibikorwa vyo kurandurana n’imizi indwara yo mu kigo, nk’uko ibihugu biteye imbere vyabishitseko, babifashijwemwo n’abo bakorana.

Hisunzwe intambwe zatewe mu kugabanya igitigiri c’abakenyezi bapfa bariko baribaruka, mu cegeranyo co mu mwaka w’2012 c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bahamagarira abo vyega gufata ingingo zose zishoboka kugira batuze iyo ndwara. Kubw’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bokwiha ihangiro ryo gushika aho ata mukenyezi canke umwigeme n’umwe yoba agifatwa n’iyo ndwara.

Umunsi mpuzamakungu wo kurwanya indwara yo mu kigo wahimbajwe uno musi ugashobora kuba uwo guhinduka, iyo ndwara yo kwikumira, yo kumaramara ikaranduranwa n’imizi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.