Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Itomati zitetse, umuti ukomeye ku ndwara zikarira umutima” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > “Itomati zitetse, umuti ukomeye ku ndwara zikarira umutima”

“Itomati zitetse, umuti ukomeye ku ndwara zikarira umutima”

samedi 18 Nzero 2014

Abatari bake basanzwe bazi ko gufungura itomati, biri mu bituma umuntu yunguka ivyo bita “lycopene” mu mubiri, amaraso akarwira, bigaca bituma n’umutima ukora neza.

Haraciye amezi, icirwa cakozwe n’abashakashatsi mu bijanye gufungura itomati, bava mu gihugu ca Finlande, cerekanye ukungene itomati zifise ingaruka nziza zitari nke ku magara y’abantu. Ikibazo cibazwa ku vyerekeye no gufungura itomati, kikaba gihagaze mu buryo abantu bazifungura. Abagize ubushakashatsi kuri ivyo, bavuga ko gufungura itomati zitetse arivyo ngirakamaro ku magara y’abantu gusumba kuzifungura ari mbisi.

Ku bantu bagizweko ubushakashatsi n’abo bahinga mu bijanye no gufungura itomati, mu kiringo c’imyaka 12, basanze abantu bafise igitigiri kiri hejuru ca lycopene mu maraso, ari bo bagabanuye amahirwe yo gushobora kurwara indwara z’umutima zigera ku bice 59 kw’ijana.

Ikindi cirwa cakozwe n’abashakashatsi bo kuri kaminuza y’i Verone, mu gihugu c’Ubutariyano, carerekanye naco nyene ukungene izo lycopene zituma urutomati rugira ibara ritukura rukanakinga n’impanuka zishobora kwiyadukiza mu mitsi ijana amaraso, bazisanga mu matomati atetse kurusha muri mbisi.

Kubw’abo bashakashatsi, gufungura ku munsi ku munsi amagarama 80 y’isosi y’itomati bituma haba igabanuka ry’ibinure biba biri mu mitsi itwara amaraso mu mubiri hamwe no kurinda ivyoza bihoma kuri iyo mitsi. Bahanura abantu kwama bafungura iminsi yose imfungurwa zirimwo itomati zitetse kurusha izidatetse kugira bunguke mu mubiri ama lycopene arinda indwara zibangamira umutima.

Twobibutsa ko itomati isanzwe ikungahaye (riche) mu vyunyunyu bitari bike (Potassium, manganèse, cuivre, magnésium, phosphore) hamwe no mu ngaburo z’amavitamine C, B3, B6, A, E na K.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.