Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivuriro CURGO ryo mu Kabezi ryashikirijwe ubushikiranganji bw’amagara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ivuriro CURGO ryo mu Kabezi ryashikirijwe ubushikiranganji bw’amagara (...)

Ivuriro CURGO ryo mu Kabezi ryashikirijwe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu

mardi 17 Nyakanga 2013

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, MSF (Médecins Sans Frontière) ryashikirije kuva kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 17 Nyandagaro 2013 uburongozi bw’ivuriro ryakira abavyeyi barwaye indwara yo mu kigo n’abakeneye kwibaruka. Ubu iryo vuriro rikq ryegukira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida.

Kuva mu mwaka w’2006, abaganga batagira imbibe barubatse ivuriro (Centre d’Urgence Gyneco Obstétricale : CURGO) muri Komine Kabezi, intaraya Bujumbura rural. Mu gihe abakenyezi bahitanwa n’imbanyi bari benshi co kimwe n’abana bapfa bariko baravuka, iryo vuriro ryaje mu ntumbero yo kubirwanya. Inyuma y’imyaka itandatu iryo vuriro ririko rirakira abakenyezi baryitura, ibiharuro biva mu matohoza yakozwe n’abaganga batagira imbibe vyerekana ko muri iyo myaka itandatu iheze, abakenyezi bafashijwe kwibaruka neza, basimba imanga baharurwa mu bihumbi 14, abana ibihumbi 10 bavuka neza, abandi 1500 barakurikiranwa bahejeje kuvuka. Ivyo vyatumye igitigiri c’abana bapfa bariko baravuka kigabanuka ku rugero rw’ibice 74 kw’ijana.

Bruno Duchenne, aserukira abaganga batagira imbibe mu Burundi amenyesha ko bivanye n’amasezerano bagiranye n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu mwaka w’2011, ukwo gushikiriza ku mugaragaro uburongozi bw’ivyo bitaro ariyo ntambwe ya nyuma. Ubu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu akaba aribwo bubijejwe biciye ku ntara y’ubuvuzi ya Bujumbura rural.

Ivuriro « Centre d’Urgence Gynéco-Obstétricale ryubatswe mu mugambi w’abaganga batagira imbibe, rikaba rigizwe n’ikibanza bakiriramwo abarwayi, ikibanza abavyeyi bibarukiramwo, ikibanza c’ababagwa, hamwe n’ikibanza abana bavutse bafise utugorane bakurikiranirirwamwo.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, muganga Sabina Ntakarutimana amenyesha ko Leta y’Uburundi izokora ibishoboka vyose kugira ibingabunge iryo vuriro rimaze kugirira akamaro abanyagihugu batari bake bo mu karere kegeranye na komine Kabezi, mbere n’abo mu Burundi bwose muri rusangi.

Ku ruhande rw’abaganga batagira imbibe, umurwi wa bamwe muribo uzobandanya kumenyereza ibikorwa gushika mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2013, hamwe n’igitoro, ibikoresho vyo kwa muganga n’umuduga rusehabaniha (ambulance) bizotangwa gushika mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2014.

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe (MSF : Médecins Sans Frontière) rikorera mu Burundi kuva mu mwaka w’1992. Mu migambi yaryo, ari nayo rigiye kubandanya, ni ugufasha abakenyezi barwaye indwara yo mu kigo na malariya, mu ntara za Gitega na Kirundo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.