Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyiza vy’imbeho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ivyiza vy’imbeho

Ivyiza vy’imbeho

mardi 22 Nzero 2013

Iyo hakanye cane, ugaca usanga tubaye igihe kinini aho hantu hakanye kandi ugasanga ntan’ibintu dufise vyo kwifuka bikwiye, imbeho si umwansi wacu iminsi yose haba namba, ahubwo imbeho,iraruhurira,iravura kandi iratabara.

Imbeho ni umuti, mu mvugo y’ubushakashatsi imbeho ifise izina rya «cryothérapie».
Imbeho irazwi cane mubushobozi bwayo bwo kugabanura ububabare bw’umutwe iyo umuntu amenetse umutwe(antalgique). Iraruhura ububabare buvuye kubushe. Ibarafu irafasha cane nk’akarorero nk’umuntu ashize ibarafu ahantu iryinyo ryavuyemwo.

Burya rero, gushira ibarafu k’umubiri iyo umuntu yakomeretse birafasha cane.
Mu bijanye n’amagara y’abantu, nko mu ndwara z’urukoba barakunda gukoresha Azote y’amazi kugira bice imigera iba iri kubikomere aho rero barakoresha imbeho iba iri mubikoresho bakoresha kwa muganga. N’abaganga b’abahinga muvyo kubaga barakunda gukoresha ibikoresho biba birimwo imbeho.

Mu mavuriro aho usanga babika intanga z’abagabo bategerezwa kuyikoresha,kuko intanga bategerezwa kuzikanyisha cane hamwe na Azote ibitswe mu buhinga buhanitse kugira zize zihure n’irigi ry’umugore rishobora kuvamwo umwana.

Mu buhinga bwo gusubiriza mu mubiri igihimba cononekaye, (transplantation),bahejeje gupima neza ico gihimba baca bakibika ahantu hakanye cane kugira baze bagishire mu wundi muntu kigikomeye.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.