Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinindo : Ivyuma bipima amafyigo vyaratanguye gukora ku bitaro Burundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kinindo : Ivyuma bipima amafyigo vyaratanguye gukora ku bitaro Burundi (...)

Kinindo : Ivyuma bipima amafyigo vyaratanguye gukora ku bitaro Burundi Kidney Care

vendredi 11 Mukakaro 2014

Ivyuma vyo gupima abafise indwara z’amafyigo ubu biriho mu bitaro "Burundi Kidney Care" vyo muri komine Kinindo, nkuko bivugwa na muganga Joseph Nyandwi.

Muri ivyo bitaro nk’uko bivugwa n’uyo muganga asanzwe yarananonosoye ivyo kuvura indwara z’amafyigo, abarundi bazoriha amafaranga angana ibihumbi 250, nayo abanyamahanga bakariha amafaranga ibihumbi 350. Avuga ko ayo mafaranga bayaharuye basanze atakazimbo karimwo. Baharuye ibikenewe bagaharura n’ibikoresho, muganga Nyandwi akavuga ko abarundi babakuriyeko amafaranga ibihumbi 100.

Mwomenya ko amwe mu mashirahamwe ariko aragiranira ibiganiro n’ivyo bitaro, mu ntumbero yo kuzovuza abakozi babo. Abantu bari basanzwe barwaye amafyigo canke abafise ingorane z’amafyigo bahora barinda kuja kwivuriza mu bihugu vyo hanze, bakaba bagiye kuzoza barivuriza mu Burundi.


Aristide NIZIGIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.