Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jaguar yiteguriye kwabirana n’umugore w’umukinyi Katauti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Jaguar yiteguriye kwabirana n’umugore w’umukinyi Katauti

Jaguar yiteguriye kwabirana n’umugore w’umukinyi Katauti

jeudi 27 Munyonyo 2014

Irene UWOYA azwi cane mu mareresi yo muri Tanzaniya yatangaje ko agiye kwubakana n’umuririmvyi Jaguar, ahevye umugabo wiwe Ndikumana Hamad Katauti. Jagura ariko ategura urugendo rwo kuja kumuraba muri Tanzaniya kugira bavyuzuze.

JPEG - 80.9 ko
Jaguar na Irene Uwoya

Jaguar amenyeshako ariko yitegurira urugendo rukomeye cane mu gihugu ca Tanzaniya aho azoba agiye kubonana na Irene Uwoya kugira bavugane umugambi wo kwubakana n’uwo mugore wa Katauti. Jaguar aremeza ko nawe yiyumvamwo cane uwo mugore wa Hamad Katauti. Mu rugendo rwiwe mu gihugu ca Tanzaniya, Jaguar ategekanya kuzobonana n’abavyeyi ba Uwoya.

Mu kiganiro Jaguar yagiranye na E-Newz ya East African TV, Jaguar yabajijwe ico azoba agiye kuvugana n’abavyeyi b’uwo mugore, nawe ntiyashatse kuvyishura neza ariko avuga ko na Irene Uwoya ashaka kubamwereka.

Jaguar umwe mu baririmvyi batunze muri Kenya

Amakuru abandanya avugwa n’uko isango rw’urugendo rwa Jaguar muri Tanzaniya ryiteganywe igishika haba ku ruhande rwa Irene na Jaguar. Bose bavuga ko ico gihe bazoca bategurira hamwe ibijanye n’ubukwe bwabo.

Igitangaza aba n’abandi n’uko hari haheze indwi imwe gusa Irene Uwoya avuye mu Rwanda aho yamenyesheje ko urukundo rwiwe n’umukinyi Katauti rwashinze imizi. Inyuma yaho agahindukira atangaza ko nyabuna agiye kwubakana na Jaguar.

JPEG - 114.2 ko
Irene na Katauti

Irene Uwoya afashe iyo ngingo inyuma yaho hari ukutumvikana hagati yiwe na Katauti bigatuma bama bahebana ariko bagasubirana ata minsi ihaciye, hanini bapfa kuvangana.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.