Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jennifer Lawrence ari gusa ahetse inzoka, Bibiliya ivuga iki hagati y’inzoka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Jennifer Lawrence ari gusa ahetse inzoka, Bibiliya ivuga iki hagati y’inzoka (...)

Jennifer Lawrence ari gusa ahetse inzoka, Bibiliya ivuga iki hagati y’inzoka n’umugore

samedi 7 Ruhuhuma 2015

Umukinyi w’amareresi Jennifer Lawrence yashize ahabona ifoto ari gusa ariko ahetse inzoka amahanga ifutse igice kitari gito c’umubiri wiwe. Mbega inzoka n’umugore bivugwa ko iki mu gitabo ceranda.

Jennifer Lawrence afise imyaka 24 yavukiye ahitwa Louiseville muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika. Uwo mukinyi w’amareresi yashize ahabona ifoto iriko ivugwako vyinshi aho yubitse inda ahetse inzoka nini bita "Boa".

Iyo foto isigura iki hisunzwe Bibiliya?

Iyo foto isigura vyinshi, umwihwezo munini wibutsa intango yo kubaho kw’abantu n’ibindi biremwa vyose. Mu gitabo ceranda ( bibiliya) mu kigabane c’Itanguriro (Genèse ca mbere) ku murongo wa mbere ikigabane ca 26 (1.26), handitse ko Imana ihejeje kurema ibintu vyose yaciye irema umugabo mw’ishusho ryayo. Ihejeje ica irema umugore ibanje gusinziriza umugabo maze imukuramwo igufa ry’urubavu ry’ibubamfu iriremamwo umugore, ibabwira kugwira, ibaha ububasha bwo kuganza ibintu vyose yaremye.

Ico gitabo citanguriro nyene kivuga ko Imana yaciye ishira wa mugabo (Adam) na wa mugore (Eve) mw’itongo ry’ivyiza Eden aho bari babayeho neza. Naho rero Imana yabahaye ububasha ku bintu vyose vyiza biri muri iryo tongo, yababujije kurya icamwa kiri hagati mw’itongo.

Mbega Inzoka n’umugore bivugwako iki muri Bibiliya.

Mu gitabo c’itanguriro (Genèse ca gatatu), umurongo wa 3 ikigabane ca mbere (3.1), inzoka cari igikoko ca mbere mu vyo Imana giciye ubwenge. Inzoka rero yahuye na Eve imubaza iti:" Koko Imana yarababujije kurya ivyama vyose vyo muri iri tongo?", Eve ati:" Oya yarabiturekuriye kiretse igiti kiri hagati mw’itongo kuko tukiriye twoca dupfa rubi". Ya nzoka isubizayo iti:" Ihibambe we, ntimwopfa ahubwo mwoca muhinduka mugasa nk’utumana , amaso yanyu yobona kure mugashobora gutandukanya iciza n’ikibi". Eve arumvira ya nzoka, arya ca camwa, agihako n’umugabo wiwe nawe ararya hama impuzu zirabavako maze batangura gutinya Imana.

Imana ivuma eve n’Inzoka

Ku murongo wa 3 ikigabane c’i 10(3.1) gushika ku kigabane ca 24(3.24) handitseko Imana imaze kubona ibibaye kuri Adam na Eve, ibahamagaye bakanka kwitaba kubera ubwoba, yabajije Eve igituma yariye ca camwa. Eve yishuye ko inzoka yamuhendahenze(seduire). Imana ica ibwira ya nzoka iti:"Ko wabikoze, izopfa ukukumba hasi, uzorya ivu, kandi ndashize uryankko hagati yawe n’umugore, azoguhonyora ku mutwe nawe uzomukomora ku kirenge". Imana ibwira wa mugore iti:" Nzongereza umubabaro mu kwibungenga kwawe, uzovyara mu mubabaro mwishi, ico uzokenera cose uzogisaba umugabo wawe kandi azokwama akuganza". Imana ibwira wa mugabo nawe iti:" Ko wariye icamwa nakubujije, uzokwa urushe, uzorya wabanje kubiya icuya, kandi uzosubira mw’isi kuko wakozwe mw’isi".

Ubucuti buri hagati ya Jennifer Lawrence n’inzoka busigura iki?

Imana imaze kuvuma inzoka n’umugore yavuze ko bizokwankana urunuka harimwo no kuryana, mbe none ubumwe Lawrence agirana n’inzoka bwoba ari ubwo guhinyuza Imana canke n’urunani rwo kuyirwanya? Jennifer Lawrence yofatwa nka Eve inzoka nayo ni irya yamuhenze akenga kw’itegeko Imana yamuhaye n’umugabo wiwe.

JPEG - 50.6 ko
Rihanna nawe yikoreye inzoka nyinshi

Mbega wewe ubibona gute?


Cherif Nkeshimana

Messages

  • burya abantu mwaranyobeye bible ivuze inzoka,mwumva inzoka buyoka au shetani? Iyo boa yambaye ntaho ihuriye niriya yahenze eva,yahenzwe na shetani

  • Bikoreye satani muga nabo naba fana ba sani

  • Hari inzoka irohora imurya muli wa muliro utazima.

  • @ Kabizi, ndemeranya nawe kuko wewe canke jewe turashobora kuba iriyanzoka yahenze Eva, ariko ubonye icapa canditseko amajambo avugango iyinzu iradandarizwamwo impuzu uyigiyemwo iyonzu usangamwo izompuzu, nuwomwanditsirero jewe ndemeranyanawe mugihe nyenekwiyegereza iyonzoka tutaramenya icoyashatse kwamamaza.

  • Mbega Iracakomej Kwihanganira Abantu Ew Jennifer Ugomba Gukwera Isi

  • Nashaka kwishura umushingantahe Cherif Nkeshimana yabajije ati Jennifer Lawrence n’’iyo nzoka ngo vyarenze amategeko Imana yabahaye? Ati ubucuti bw’’uwo mugore ninzoka usigura iki?
    Nashaka kubibutsa ko urwanko ruzoba hagati y’’umugore n’’inzoka atiri itegeko , n’’umuvumo . Muri iki gihe cihinduka , nivyo birimwo . Umuvumo w’’umuvyeyi iyo umwana aciye ubwenge ,arakora neza ,agahinduka ,hama agasaba ikigorwe , umuvyeyi akamugirira ikigorwe akamusubiza munzu.Wabivuze neza uko vyanditswe muri Bibiliya .Mugabo ivyanyegejwe muri aya majambo nivyo .Nkuko yari yadushangije urya murima wivyiza hamwe n’’ibikoko , duhige gusubiza hamwe navyo kubera dusigaye tubirya ,bikaturya . Iryo bara turihagarike ,turye ivyo yaduteguriye,ntitugume tugendera kumuvumo w’’Imana ,duhinduke ,dusabe ikigorwe. Jennifer Lawrence canke Rihanna, nimba babikoze bivuye kumutima ;nakarorero keza .Ntitugume twiboheye kumigenzo y’’isi ,duhige ubuzima budahera. Na Yezu yarabisubiyemwo ati: ubuzima ntibwari bwiza kurusha ivyokurya ! Umubiri ntiwari mwiza kurusha impuzu ! igihe yariko arigisha abaje kumushengerera.

  • inzoka kari agakoko adam yakunda cane kuko kamukurikirana ariko atambuka shetani rero yabonye atakuntu yari gushobora kubahenda adakoresheje iko gakoko adam yakunda

  • Muga sha baratugerageza nukuri urabona ingene ari utwigeme twiza ....je nguma nirabira utwwo dutaye nutubere twabo ahaa.........ivyomuvuga ntiduhuje bari gukora publicite raba kuri google en bref

  • j.claude, reka kworosha ibitoreshe kdi ikintu namba utagifiye icemezo,uzoze uravyitondera cane. ceci dit, aba bagore biyambitse inzoka, barazwi cane yuko biyemeje gukorera satani ’’pact’’ ninde yatanze itegeko ryokugir ubumwe n’inzoka:satani’’? aba bagore bariyemeje gukorera satani; nibatihana,ngo bagaruke ku Mana Muremyi w’ijuru n’isi......umuriro udahera urabarindiriye.

  • Ahubwo sinzi ivyo mubona mwebwe, je simbona neza ikiri umuntu n’ikiri inzoka muri ivyo bibiri. Mbe muravye neza amaso y’iwe mubona iki?
    Muvyita bibi canke vyiza, ikiri co ni uko ageze kure gusa. Kandi burya ari mubandi. Imana yavumye umugore kuko yayigararije, ishira urwanko hagati y’iwe n’inzoka; ariko wewe arerekanye ko Imana itabikoze, ahubwo mbere aca ashirako n’akabirya arayiheka ayereka n’ubwambure. Mbega yoba yubatse? Ehe raba icatumye Imana itikiza sodoma na Gomora nico kigezweho mumategeko y’iwabo (homosexualité).
    Ikintangaza gusumba ibindi ni iki: Ibihugu vyatwaye idarapo mugukwiragiza ijambo ry’Imana mugihe c’ubukoloni nivyo vyambere mugukora ivyo bigisha guhakana. Ikindi mbona ko umenga aho homosexualité yaciye, niho hari amahano atandukanye nk’iterabwoba, amasanganya akomeye n’ibindi.

    None zirya nzoka zose, zimwe ahatse, izindi zigize urugori kumutwe ni izo yoroye, canke?
    Je ahubwo nibaza ko atari ifoto ari irementanya (hakoreshejwe ubuhinga bwa none) canke ikintu c’ikibumbano gisa nawe bashizeko inzoka hanyuma bakagifotora; ahandi ho ni ibara. None ko ataco yabivuzeko?

  • Mbe Desy, icemezo ushaka kindi nikihe? Nico nyene udashobora gutahura naho nyene wagisonye . Umenye ko Inzoka ari igikoko nkibindi Imana yaremye izi ico yayiremeye. Kubera iki muyita shetani ? Kubera yahenze umugore ? Ababeshi nomubantu bariho baruzuye.None kubwawe Inzoka ikomora umugore gusa? kotubona hamwe hamwe mumakuru Inzoka zikingira abana bakiri bato ,bisigura iki? Mubarundi ko bavuga ngo inzoka yomunzu ntikomorana ,sinzi ko wari bwavyumve canke uzibone , none ivyo bisigura iki ? Igikenewe nugutahura ivyanyegejwe murayo majambo. Hariho abavugako ,umugore ategerezwa kwihora inzoka kubera yabakuye amata mukanwa ,inzoka nayo ikamwivuna .Ivyo mwoca mubifata nkuko umengo ntivyohinduka ?
    Wavuze ngombe ndeka korosha ibintu; ibintu Imana yari yarabitworohereje nitwe tubigira birebire . None kubwawe ; itegeko n’’umuvumo bitandukaniye he ? Dutanguriye aho niho twokumvikana neza?

  • Mana weee tabara isi kuko yaheze!!.iyimisi niyanyuma .kimwe gusa twihane.

  • Mana weee tabara isi kuko yaheze!!.iyimisi niyanyuma .kimwe gusa twihane.

  • jw ndabona isi yarangiy kuber ndavy ico bibiliya ivuga ntakunt jennifer yokwifuk inzok kand Imana yarasiz urwank hagati y’umugore n’inzoka

  • jw ndabona isi yarangiy kuber ndavy ico bibiliya ivuga ntakunt jennifer yokwifuk inzok kand Imana yarasiz urwank hagati y’umugore n’inzoka

  • Kuberakwinzokayahenze Eva Bigatumatubahukuduhangayitse Tukabahotwitezegupfa Uyumudamuntiyarikuyizerakoyayizeyebarafatanijimigambi

  • Ibi ntibitangaje kuko mubisanzwe rihana nuyu lawrence aho guca bugufi ngo basabe Imana Ikigongwe bobo bahisemwo kwibandanyiriza ubugenzi bwabo ninzoka yahenze Eve! Ubwo aha umwe wese agomba gukora ivyo yumva bizorokora Ubuzima bwiwe kumusi wiherezo Imana Iriho kandirabona!

  • nkr nukugerageza imana kkmuraz yuko aryo yahenze adam na eva bagakr icaha ubu tuba turya tutarushe

  • UWOMUNTU NTATINYA PE!!!YOBA AFISE UMUTI.INZOKA KUMUBIRI NTIMURYE!!!

  • Ivyobintu bikwiye kwiyamirizwa ntibereye imbereY’imana ntabantu kukwimana yarayivumye

  • Ivyobintu bikwiye kwiyamirizwa ntibereye imbereY’imana ntabantu kukwimana yarayivumye

  • Ahubwo ntitwovuga ko bahinyuza Imana novuga ko arabakozi bashetani.

  • ICIYUVIROFISE?NONE.ADAMU,YAGIYEMWIJURU,MUNZOZE,MURANYIGISHA.IMANA,IBAHEZAGIRE

  • jewe mbona yuko yashutswe agomba izo nzoka zimugire

  • RIHANNA NA JENIFER NAMASHETANI IMANA IBAHARIRE KAND BAZE BIHANE IBYAHA BAZOHARIRWA AMEN

  • RIHANNA NA JENIFER NAMASHETANI IMANA IBAHARIRE KAND BAZE BIHANE IBYAHA BAZOHARIRWA AMEN

  • Murabo Bakobwa babiribose Bakorerashatani Ahubwo Shimiye Rawudesi Nahorihana Yarigize Ikimanamana Ahubwo Imana Izohane Ababakobwa Nyene Abasubije Nabatarasuza Ndashimiye

  • ndikondarâba Neza Iyisi Yaraheze Nukuri Umuntu Yokwitonda

  • mbega ko abantu bakunze kwibagira ahoa imana yakuy uravye amezi 9 urimunda ukavuka ukarinda ugera aho wokora ucumutima waw wifuza ivyo birahagij umuntu ntiyarakwiye gukorera satani ahubwo yokorera imana ico mbona nuko isi iri kumusozo

  • NAGOMBA KUMUBONA IJISHOMURINDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.