Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Jose Chameleone ahimbaza umunsi w’amavuko, yamaze iki mu muziki? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Jose Chameleone ahimbaza umunsi w’amavuko, yamaze iki mu muziki?

Jose Chameleone ahimbaza umunsi w’amavuko, yamaze iki mu muziki?

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Umuririmvyi Jose Chameleone yazindukanye urubanza rwo gushimira Imana n’abavyeyi biwe, aho abo bose bafadikanije yashoboye kuvuka agakura, gushika aho agira aho yigejeje uno munsi. Yibuka umunsi wivuka ryiwe.

Umuririmvyi w’igihangange Joseph Mayanja azwi cane kw’izina rya Jose Chameleone yazindukanye urubanza rukomeye aho yibuka imyaka 35 amaze avutse. Hari rero kuri iri genekerezo mu mwaka w’I 1979, aho mu gihugu c’Ubuganda havuka umuririmvyi mpuzamakungu aririmba cane cane mu mudiho w’ikinyafrika, no mudiho wa Raggae. Uwo muririmvyi amaze gushika kubitari bite bivuye mu kwikora mu gahogo, amaze kuja mu bihugu bitari bite haba muri Afrika, I Buraya, Asiya na Amerika.

Aho bukereye yazindutse yandika amajambo ashimira Imana, abavyeyi biwe, umuryango wiwe, eka abo bose bagize ico batereye mu kubho kwiwe, atibagiye umugore wiwe. Joseph Mayanga avuka mu muryango w’abana 11, se wiwe yitwa Jacob. Yinjiye mu mwuga wo kuririmba mu mwaka w’I 1990 afise imyaka 11. Yatanguye kuba avuza umuziki mu nzu y’ubutambiro y’I Kampala yitwa Maganjo Night Club. Yize kw’ishuri yitwa Progress Secondary School. Amaze kwiyumvamwo umuziki kandi amaze kuboneka, yagiranye amasezerano n’inzu ikora y’imiziki yo mu gihugu ca Kenya yitwa Ogopa Djs. Indirimbo ya mbere ya Chameleon yitwa “Bageya”, iyo yayikoranye na Redsan inyuma yo gukorana n’uwahavuye aba umwansi wiwe rutura Bebe Cool.

JPEG - 33.6 ko
Jose chameleone akiri umwana

Mu mwaka w’I 2000, uwo muririmvyi yashize ahabona urukwirikirane rwa mbere yitiriye ururirimbo rwiwe rwa mbere”Begeya”. Kuva ubwo ntiyasubiriye gushira hasi igicurarangisho canke abike ijwi ryiwe. Indirimbo ziwe zakunzwe cane cane mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, muri Afrika yose no mu mahanga. Amaze gushira ahabona inkwirikirane zigera 12, izo zaharuwe kuva mu mwaka w’I 2013.
ni izi zikwirikira:

Mu mwaka w’i 2000 "Bageya"

Mu mwaka w’i 2001 "Mama Mia"

Muri 2002 "Njo Karibu"

Muri 2003 "The Golden Voice"

Mu mwaka w’i "2004" Mambo Bado

2005 Kipepeo

2006 "Shida za Dunia"

2007 "Sivyo Ndivyo"

2007 "Katupakase"

2009 "Bayuda"

2010 "Vumilia"

2012 "Valu Valu"

2013 "Badilisha"

Eka, uwo muririmvyi amaze kuronka n’ubushimwe butari buke, uri ubushimwe yahabwa mu karere ka Afrika y’ubuseruko canke muri Uganda. Aha twovuga ubu bukwirikira:

Kuva mu mwaka w’I 2003-2005 yaronkejwe agashimwe ka PAM AWARDS(Pearl of Africa Music) ako yagahabwa nk’umuririmvyi wa mbere w’umugabo canke umuririmvyi wa mbere w’umwaka. Mu mwaka wa 2004 na 2005 yaronkejwe agashimwe ka Tanzania Music Awards kahabwa urukwirikirane rwa mbere rukoze neza muri Afrika y’ubuseruko.

Mu mwaka w’I 2006 na 2007 yaronkejwe agashimwe ka Kisima Music Awards yaronse iwabo. Ako yagahawe k’ururirimbo rwa mbere rwiza rwo mu Buganda(ururirimbo “Mama Rhoda”), muri iyo myaka nyene yaronkejwe agashimwe nkako kuri “ndivyo si vyo”. Eka indirimbo ziwe nka “Valu valu”yayihaweko ubushimwe bwinshi, mu mwaka w’I 2013 yabaye indirimbo ya mbere y’umwaka.

Tubibutseko Jose Chameleone avuka n’umuririmvyi Weasel aririmba mu murwi wa Goodlife basangiye n’umuririmvyi Radio.

Turavye ivyo uwo muririmvyi amaze gushikako n’imyaka afise bibonekako kazoza kamubikiye vyinshi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.