Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kabanga : Uwaciye umutwe w’igitsina c’umugabo yariko aragenyerwa yafatiwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kabanga : Uwaciye umutwe w’igitsina c’umugabo yariko aragenyerwa yafatiwe (...)

Kabanga : Uwaciye umutwe w’igitsina c’umugabo yariko aragenyerwa yafatiwe ibihano

mercredi 11 Ruhuhuma 2015

Ibikorwa vyo kugenyera ibitsina vy’abagabo ntibiri mu bikorwa vy’amavuriro (Centre de Santé). Ivyo vyashikirijwe na muganga Thadée Ndikumana umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca sida.

Mu kiganiro yatanze kuri uwu wa mbere, Thadée Ndikumana umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca sida akaba yavuze ko ivyashitse kw’ivuriro ry’i Kabanga mu ntara ya Kirundo, aho umunyagihugu yaciwe umutwe w’igitsina ciwe ariko aragenyerwa, bikwiye kutazosubira. Muganga Thadée Ndikumana avuga ko uwari yagenyerewe yagize ingorane zikomeye inyuma y’aho ico gikorwa kibereye, mbere agahitamwo no kwitabariza, aho yahavuye afashwa n’abakozi ba OBR, kugira ashobore kwivuza.

Uwo muforoma yamugenyereye akaba yaciye akurwa mu kazi kiwe. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji akaba atera ivyatsi ibikorwa n’abaforoma bari mw’ibohero rya Bururi, basiramura abantu, bakoresheje ibikoresho bisanzwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.