Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kabezi : Amahegitari arenga 30 y’imirima arageramiwe n’isazi zifise (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kabezi : Amahegitari arenga 30 y’imirima arageramiwe n’isazi zifise (...)

Kabezi : Amahegitari arenga 30 y’imirima arageramiwe n’isazi zifise imigera

vendredi 27 Kigarama 2013

Amahegitari arenga ku mirongo itatu y’imirima irageramiwe n’ikiza c’indwara gitewa n’insazi zera bise “Bemisia tabacci nk’uko bimenyeshwa na Daniel Mazarahisha, umuyobozi mukuru wo mu ntara ya Bujumbura Rural, mu gisata c’Uburimyi n’Ubworozi, DPAE (Direction Pronvinciale de l’Agriculture et de l’Elevage)

Ubuyobozi bwa DPAE bukamenyesha ko haciye amayinga abiri buri mw’isekeza ryo kurwanya izo nsazi zera bise “Bemisia tabacci” zifise murizo imigera ituma ibiterwa vyo mu mirimwa birwara. Daniel Mazarahisha akavuga kandi ko n’ubwo bafise imiti yo kurwanya izo nsazi, ico gikorwa co kurwanya insazi zitera indwara ibiterwa kitoroshe, kuko abarimyi bo muri ako gace badafise ibikoresho bikwiye.

Izo nsazi zera bise “Bemisia tabacci” zivugwa kandi ko arizo zitera indwara ku biterwa nk’ibiviranganya, ibiharage, hamwe n’ivyatsi vyo mu mashamba acimeza na cane cane ku mitumba ya Kabezi, aho izo nsazi zirwiriye. Ubuyobozi bwa DPAE bukaba bwaciye buja hamwe n’igisata kijejwe gukingira ibiterwa mu Burundi, kugira bitorere hamwe ubundi buryo burusha ubwo bari bakoresheje ubwa mbere, kugira barwanye mu maguru masha ico kiza gitera indwara ibiterwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.