Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kajeke: Umurwi wiga ibibazo vy’abanyagihugu ugiye kujaho vuba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kajeke: Umurwi wiga ibibazo vy’abanyagihugu ugiye kujaho vuba

Kajeke: Umurwi wiga ibibazo vy’abanyagihugu ugiye kujaho vuba

mercredi 4 Nyakanga 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru w ‘igihugu c’Uburundi Gervais Rufyikiri aherekejwe n’umushikiranganji w ‘uburimyi n’ubworozi, baragize urugendo ku ruzi Kajeke ruri mu ntara ya Bubanza.

Abo bategetsi rero, bari bagiye kuraba aho ibikorwa vyo kwubaka urugomero rujejwe kuvomera amahectare agera ku bihumbi 3000 vy ‘umurima w ‘umuceri mu kiyaya c’i Gihanga. Icegera ca kabiri c’umukuru w ‘igihugu Gervais Rufyikiri akaba ashima aho ibikorwa bigeze naho bahuye n’ingorane zitari nke. Yamenyesheje ko yateguye urwo rugendo kuko yari afise ubwoba ko naho ibikorwa bitohera imbere y’ukwezi kwa Munyonyo gushika aho usanga mbere harwa imvura nyishi, igihugu kigashobora kuhahombera cane. Amenyesha ko ibikorwa vyatebejwe na cane cane ku mvo yuko hari ingorane yo gushumbusha ba nyene ibibanza, aho ivyo bikorwa vyo kwubaka urwo rugomero bisanzwe biriko birarangurwa.

Nk ‘uko abarongoye ivyo bikorwa vy’ukwubaka babivuga, imisi yose bazanye ibimashini binini binini kugira bakore ibikorwa n’ingoga bihere, abanyagihugu baca baza kugira imyiyerekano kugira basabe amafranga yabo y‘ishumbusho. Buramatari w ‘intara ya bubanza akaba yahumurije abo biraba bose ko ico kibazo kizoba catorewe inyishu vuba cane. Uturusho twari twatevye ku mpamvu y ’uko urutonde rw ‘abanyene amatongo rwakozwe ubwa mbere rutari rwo, vyatumye hasabwa ko bagira urundi rutonde rwo. Havuye ivyo, kubera igice ca mbere cari caratanzwe, vyakenewe ko igice ca kabiri gitegerezwa guhabwa banyene ayo matongo bukuri.

Icegera ca kabiri c’umukuru w ‘igihugu akaba yashimye umurwi uzoshirwa ahabona kugira wige izo ngorane zose zibonekeza hatarenze mu ndwi imwe, guhera ku musi wa gatatu igenekerezo rya 4 Nyakanga 2013. Bisunze icegeranyo c’uwo murwi ingingo izoca isohoka atari kuvuga gusa mu vyerekeye ivyo kwubahiriza amategeko ariko mu ntumbero yo kurangiza vyihutirwa ivyo bikorwa. Ivyo bikorwa bigategerezwa kurangira mu kiringo kitarenga amezi 24 ubu hakaba harenze amezi 40 ibikorwa vyaratanguye. Abo biraba bararindiriye ko ivyo bikorwa birangira kugira batangure kurima.

Ariko naho bimeze uko, icegera ca kabiri c’umukuru w ‘igihugu Gervais Rufyikiri akaba yateye intege abarabwa n’ico gikorwa bose aca anabahamagarira gushirahamwe inguvu kugira ngo ivyo bikorwa birangire imbere yuko imvura itasura. Yasavye kandi abanyagihugu gufasha nabo, ntibasubire kubera intambamyi abariko barakora ivyo bikorwa kugira bihere bugingo bwa vuba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.