Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Abasangwabutaka bavuga ko umugambi w’ukuronswa imbuto ku giciro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kayanza : Abasangwabutaka bavuga ko umugambi w’ukuronswa imbuto ku giciro (...)

Kayanza : Abasangwabutaka bavuga ko umugambi w’ukuronswa imbuto ku giciro gito batawuzi

jeudi 16 Nzero 2014

Abanyagihugu barashima umugambi wa Reta wo kubaronsa imbuto ku giciro kitavuna (PNSEC), biri mu bituma mbere umwimbu uba mwinshi. Uwo mugambi ukaba warangutse ku bice 95 kw’ijana nk’uko bivugwa na kayitesi Odette umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yagize ingendo mu ntara zo hagati mu gihugu Gitega, Bururi, kayanza, Ngozi, Bujumbura Rural kuri uno wa mbere n’uwa kabiri igenekerezo rya 13 na 14 Nzero 2014. Intumbero y’urwo rugendo yari iyo kuraba aho umugambi wa Reta wo kuronsa abanyagihugu umwavu w’ikizungu ku giciro kitavunye wagenze mu gihe c’irima (Saison culturale A). Umushikiranganji Odette Kayitesi akaba yagendeye imirima y’abarimyi-borozi y’akarorero. Nk’akarorero yaragendeye umurima w’uwitwa Francois Niyungeko wo muri komine Mugamba, umutumba Vyuya. Uwo murimyi–mworozi avuga ko kuva uwo mugambi wa Reta utanguye ibintu vyarahindutse cane, umwimbu warongerekanye. Agira ati :’’mu minsi yahera uwo mugambi utaraza umurimyi ntiyaronka umwavu yipfuza, wasanga turonse ibiro 3 canke bitanashika, ariko ubu umwe wese agura uwungana n’umufuko wiwe.’’

Umushikiranganji kayitesi Odette yaranagendeye n’iyindi mirima myinshi y’ibiraya, ibigori n’ibitoke yaba iy ‘abigenga hamwe n’iy’amashirahamwe Pass Kajondi,muri komine Matana. Yaragendeye kandi umurima w’ibiraya w’ishirahamwe RABUZIGISABO ku musozi Gisarenda, yaragendeye umurima w’ibigori i Bugendana k’uwitwa Hatungimana yohani ku mutumba Mukoro n’ahandi. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi akaba ashimishwa cane n’intambwe uwo mugambi ugeze ko no kubona abanyagihugu bawukenguruka. Naho mu ntango bitari vyoroshe, ubu biraboneka ko abanyagihugu batanguye kuwishiramwo cane. Ariko rero abasangwabutaka bo mu ntara ya kayanza bavuga ko uwo mugambi batawitavye kuko ata matongo bafise barima.

Umushikiranganji Odette Kayitesi akaba amenyesha ko bagiye kubandanya bahimiriza kugira abanyagihugu bawitabire ari benshi cane. Ubwo bushikiranganji bukaba bumenyesha ko bwiteguye kuzobandanya uwo mugambi kugira umwimbu ube mwinshi inzara iranduranwe n’imizi mu gihugu. Ikindi kandi amenyesha ko bagiye gushobora kuronsa imbuto zirobanuye ku bwinshi, hamwe no gukora utwigoro twose kugira uwo mwavu uze urashikira abanyagihugu ku gihe ntihasubire kuba imyidogo. Mu gihe c’irima rya mbere, bakaba bakoresheje umwavu mwinshi ugereranije n’igihe c’irima rya kabiri, ivyo rero bikaba vyatumwe n’uko mu gihe c’irima giheze hari ababitse batakoresheje uwo bari baguze wose.

Mwomenya rero ko uwo mugambi w’igihugu wo kuronsa umwavu w’ikizungu ku giciro kitavunye (Programme national de subvention des engrais chimiques ) washizweho na Reta mu ntumbero yo kurwanya gufungura nabi mu Burundi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.