Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza : Umwimbu w’ikawa wasubiye inyuma ku bice 95 kwi 100 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kayanza : Umwimbu w’ikawa wasubiye inyuma ku bice 95 kwi 100

Kayanza : Umwimbu w’ikawa wasubiye inyuma ku bice 95 kwi 100

jeudi 18 Mukakaro 2013

Ikawa n’igiterwa kirimwa cane hano mu gihugu c’Uburundi kandi kikaninjiriza igihugu amafaranga y’agaciro. Ariko, umwimbu w’ikawa warasubiye inyuma cane mu ntara ya Kayanza.

Muri kino kiringo c’ikawa, aho bayitonorera, batororokanije itoni 1000 gusa z’ikawa. Umuyobozi wa SOGESTAL mu ntara ya Kayanza, Anselme Nyarushatsi yaremeje ko umwimbu w’ikawa wasubiye inyuma kugera ku bice 95 kwi 100, iyi myaka ibiri iheze.

Icagaragaye ku bijanye n’umwimbu w’ikawa, nuko abarimyi bikawa bo mu ntara zo muburaruko bw’igihugu c’Uburundi harimwo na Kayanza, bidoga bavuga ko bataronka agashahara kabo nkuko vyategerezwa kugenda, bigaca bituma badaha akamaro umwimbu w’ikawa canke ngo biteho kuyirima kandi ariwo wahora winjiriza igihugu, amafaranga y’agaciro.

Nubwo biri uko, Anselme Nyarushatsi asaba abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza gusubira kwijukira kurima ikawa kugira umwimbu wongerekane.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ntampamvu yogushishikariza abarimyi kurim’ikawa kandi umwimbu wayo wigira mumifuko y’abategetsi abarimyi nabo batibitse umukanda.Leta n’ikurikirane uburyo bubi ba nyarucari bagunzw’utwabo n’izo mburakigongwe(careless leaders).Leta yacu yite kubanyagihugu batobato mugusabikanye mubungane umwimbu w’igihugu cacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.