Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana

Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana

lundi 29 Kigarama 2014

Kim Kardashian yaronse inkuru mbi ko adashobora kuzovyara uwundi mwana kandi yabishaka. Bivugwa ko n’umwana wa mbere yamuronse ku gihamana.

Urwandiko rwatanzwe n’ikinyamakuru ’’TMZ’’ ruvuga ko Kim Kardashian afise amahigwe make yo kuvyara uwundi mwana, bitayeko na North (umwana wa Kim wa mbere)yamuronse ku gihamana. Kugira Kim atware imbanyi yavutsemwo North, hari abahinga b’abaganga batatu bari bamukuye ku nzira ko adashobora kuvyara.

Mu gihe yashaka kuvyara umwana wa kabiri, abahinga mu vy’ubuvuzi bamubwiye ko afise amahigwe make yo gukurikiza North. Kim Kardashian afise intuntu kuva abimenye kuko yarafise icipfuzo co kuvyara umwana w’umuhungu n’umukobwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.