Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kimwe mu bitangaza vyaranze uyu mwaka, isazi ku ruhanga rwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kimwe mu bitangaza vyaranze uyu mwaka, isazi ku ruhanga rwa (...)

Kimwe mu bitangaza vyaranze uyu mwaka, isazi ku ruhanga rwa Obama

mardi 3 Kigarama 2013

Nk’uko bigenda no kuyindi myaka, uyu mwaka w’2013 urafise ibintu vyawuranze. Bimwe ni vyiza ibindi ni bibi, bimwe bimwe muri vyo vyarabitswe amasanamu.

Ibiro ntangaza makuru vyo mu gihugu c’Ubwongereza, Reuters, vyaza birafata amashusho y’ibintu bimwe bimwe vyiza canke bibi vyaranze uyu mwaka biteye ubwoba, canke biryohera ijosho. Ivyo bintu vyava mu mpande zose z‘ubuzima bw’isi: Poritiki, inkino, imyidagaduro, n’ibindi.

Mu biringo bikomeye muraza kubona amasanamu ya ca gitero c’abihevyi cabera i Nairobi mu nyubakwa ya Westgate, ivya Papa Francis I, ibijanye n’iyimikwa rya Obama, muri Siriya, n’utuntu n’utundi.

Ehe raba amwe mu masanamu ahambaye yaranze uyu mwaka w’I 2013:

Muri uyu mwaka niho havuka umuganwa Prince George wo mu Bwongereza, yavutse ku muganwa Prince William n’umutambukanyi wiwe Catherine. Uyu mwana yaravuzwe cane mu b’inyamakuru, amaradiyo, ku mirongo ntangazamakuru kuva nyina agitwara inda gushika avuke.

Uyo mugabo yari mu birori vyitwa Perang Api aho ababa mu karere ka Bali muri Indoneziya baba bahimbaza umunsi bita Nyepi Day. Uyo munsi n’uwo kurimbura umwaka uheze no kwipfurizanya uwugiye.

Iki n’igihe abihevyi batera inyubakwa ya Westgate muri Kenya. Amasanamu ateye ubwoba 7 ubwo bwicanyi bwahabereye yagiye arasohoka.

Indege ya Asiana Airlines Boeing 777 yari yagize impanuka ku kibuga ca San Francisco International Airport muri California kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2013, yishe abantu babiri.

Iyi sazi yaguye mu ruhanga rwa Barack Obama ariko avuga ijambo, abafata amasanamu baba bayibonye kera.

Aba bagira baje mw’isengero kurahira ko bagiye kwubakana, ariko vyasa nk’uko bashwanye, umwe wese yari kuri ngendanywa, yandika bwa burumwa bugufi “Sms”. Hari mU gisagara ca Shanghai kiri mu gihugu c’Ubushinwa.

Inyambaro y’abageni muri Pakisitani vyatangaje abantu beshi kuko ntawokwibaza ko bashobora kubona iyo baja.

Ivyago vyashikiye uyo mugabo n’agatangaza, inka yamucumise ihembe hama iramuterura.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.