Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Kira mama" : Umugambi mushasha wo gutabariza abakenyezi bibungenze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > "Kira mama" : Umugambi mushasha wo gutabariza abakenyezi bibungenze (...)

"Kira mama" : Umugambi mushasha wo gutabariza abakenyezi bibungenze n’abagiye kwibaruka

samedi 7 Ruheshi 2014

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwaratanguje umugambi ‘’kira mama’’ wo gutabariza abakenyezi mu gihe c’imbanyi hamwe nico kwibaruka bakazokoresha terefone ngendanwa.

Mu ntara ya Gitega ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bwaruguruye icese umugambi ’’kira mama’’ ,uwo nawe ufise intumbero yo gutabariza abavyeyi bafise imbanyi canke bagiye kwibaruka nk’uko umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida abimenyesha, gishasha rero n’uko hazokoreshwa iterefone ngendanwa.

Uwo mugambi uje mu ntumbero yo gushigikira umugambi wa reta y’Uburundi wo guteza imbere amagara y’abavyeyi n’ibibondo hamwe no gushika ku ntego y’ikimpumbi(objectifs du millénaire) nk’uko umushikiranganji sabina ntakarutimana abandanya abishikiriza.

Tubamenyeshe ko mu ntumbero yo gushira mu ngiro uwo mugambi , rusehabaniha zine n’izo zatanzwe , mu ntara y’ubuvuzi ya Gitega. Buramatari w’intara ya Gitega arashimira mashirahamwe mpuzamakungu nka UNICEF, FNUAP na OMS ku bikorwa asanzwe akora mu ntumbero yo guteza imbere amagara y’abantu . Yasavye kandi ko hobaho inyigsiho zijanye n’ubuhinga bushasha bwo gukinga kugira ntihagire umuvyeyi n’umwe asubira kwitaba Imana ariko atanga ubuzima.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.