Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kirundo : "Umurwazo’’, ingorane ku mwimbu n’iterambere ry’umunyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Kirundo : "Umurwazo’’, ingorane ku mwimbu n’iterambere ry’umunyagihugu

Kirundo : "Umurwazo’’, ingorane ku mwimbu n’iterambere ry’umunyagihugu

jeudi 6 Ntwarante 2014

Mu ntara ya Kirundo, imbuto z’ikiringo ca kabiri c’irima cane cane ibiharage, ubu vyatanguye gutegurwa, ndetse bikaba biriho, bivanye n’uko abanyagihugu baroye hamwe, bagakorera hamwe mu runani.

Mu makomine amwe amwe y’intara ya Kirundo, nka Busoni, Bwambarangwe, Bugabira n’ikindi gice ca komine Kirundo, umwimbu ntiwagenze neza cane bivanye n’ihinduika ry’ikirere nk’uko bimenyeshwa na Adolphe Mbonimpa, umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara, ariko kandi biravugwa ko n’umugwazo woba waratumye umwimbu utagenda neza.

Alice Mukandanga arongoye Green Bugesera Cooperative

Tukabamenyesha ko muri iyo ntara ya Kirundo, amwe mu mashirahamwe ahakorera ahimiriza gukora no kwiteza imbere ‘’Bugesera Green Cooperative’’ yamenyesheje haraciye igihe ko, ingorane abarimyi bafise ari iy’umurwazo, aho abafise amafaranga, baja mu barimyi, bakarangura umurima utarera. Ivyo navyo bikaba mu bituma, inzara n’iterambere ritagera ku ntambwe ishimishije ku munyagihugu wo mu ntara ya Kirundo no mu micungararo yayo, nk’uko umupfasoni Alice Mukandanga, umwe mu barongoye amashirahamwe yigenga aho mu ntara ya Kirundo yabiyagiye ikinyamakuru IGIHE.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.