IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Krystal Bella Shabani murugendo rwoguteza imbere imyambaro nyafrika

Krystal Bella Shabani murugendo rwoguteza imbere imyambaro nyafrika

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Krystal Bella Shabani ni umustyliste accessoiriste wumurundikazi aba i Bujumbura afise imyaka 21 akaba yatanguye uwo mwuga akiri muto cane haheze amezi cumi ataguye kubikorera kumugaragaro.

Krystal Bella Shabani asazwe ari n umunyeshure muri kaminuza y’Uburongozi ariyo (International Leadership University) mugisata c’ubutunzi mu mwaka ugira gatatu.

JPEG - 22.4 ko

Yiyemeje kuzamura ubutunzi akana tezimbere igihugu ciwe kugirango kimenyekane mumakungu biciye mumwuga wiwe wukudesa hamwe nugukora udusharizo twabakobwa.

Uwomwigeme naho akiri muto sigito kuko aramaze kurangura ibitari bike mu kwambika abantu akoresheje igitenge. Naho arumunya mwete ingorane ntizibura kanatsida muvyamaze gukora vyose nta mfashanyo ariyo bita "Sponsor" nimwe arigera aronka, akaba asaba Reta ko yofashe urwaruka rwiyunguganya mugukora utwabo.

JPEG - 19.3 ko

Muntumbero yuguhimbaza umusi mukuru saint valentin uwo muyabaga Krystal Bella Shabani yarabateguriye imurika gurisha (exposition vente)
yimpuzu,amashakoshi yo muntoke,ibirato, ibikomo, amahereni hamwe nibindi vyishi kumatariki ya 13 na 14 zu kwa kabiri kuri Geny’s Cafe hakaba hazoba hugururiwe abantu bose, imisore namwe nkumi, n’imiyabaga .

JPEG - 36 ko

Bantu mukundana namwe mwese mushaka guhimbaza umusi mukuru wabakundana nuw’abagenzi muratumiwe kuza kuratira izisho hamwe nu kugura utuganuke muzohana kuruwo munsi wahariwe abakundana.


Alice Anny Akingabiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.