Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuba umuforoma, umwe mu myuga itoroshe ikwiye kugarukirw​a - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuba umuforoma, umwe mu myuga itoroshe ikwiye kugarukirw​a

Kuba umuforoma, umwe mu myuga itoroshe ikwiye kugarukirw​a

lundi 12 Rusama 2014

Abaforoma bo kw’isi yose bazindutse bahimbaza umunsi mpuzamakungu wabahariwe, kabaye akaryo ko gusubira kwekana igikorwa c’umwuga wabo, kugira barushirizeho kuwuteza imbere.

Umwuga w’abaforoma akaba ari umwuga utoroshe gukora na cane cane kubawurimwo batavyiyumvamwo. Ni umwuga uruhisha usaba kandi ukwitanga kunini. Iyo bitabaye uko, hononekara vyinshi na rirya aba ari n’ubuzima bw’abantu buba buriko burahasigara. Uko umwaka utashe kw’igenerezo rya 12 Rusama, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abaforoma. Muri uno mwaka, icivugo akaba ari : « Abaforoma, n’inguvu mu guhinduka kw’ibintu, inzira nyamukuru mu kuronka amagara meza ».

Nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaforoma, zimwe mu ngorane zigenda ziragaruka muri uwo mwuga, akaba ari uburuhe budasanzwe ku baforoma na cane cane kubakorera mu bitaro. Ivyo bituma abenshi mbere bahagarika bataramara na kabiri muri uwo mwuga, inkurukizi zigaca zibonekereza ku barwayi baba babuze ikibitaho.

Tubamenyeshe ko umunsi mpuzamakungu wahariwe abaforoma watangujwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaforoma, kw’igenekerezo rya 12 Rusama, mu mwaka w’i 1965. Iryo genekerezo rikaba ryashinzwe bivuye ari umunsi umuforoma yitwa Florence Nightingale yavukiyeko, uwo nawe akaba yabaye umuforoma w’akarorero muri uwo mwuga yerekanye igikorwa umuforama wese ajejwe gukora (infirmiere exceptionnelle).

Igenekerezo rya 12 Rusama, ni umunsi kandi mpuzamakungu wahariwe Fibromyalgie, indwara Florence Nightingale yarafise yaterwa n’uburuhe bwinshi igatuma agira ububabare budasanzwe umubiri wose kandi budahera. Ni indwara itarizwi ico gihe, yagiye gutorwa nk’indwara ya « rhumatisme » mu mwaka w’i 1992 n’ishirahamwe mpuzamakungu yitaho amagara y’abantu OMS.


Mariella Bukuru

Messages

  • Muburundi uwo mwuga nturagarukirwa nkak akarore muri komine kayogoro haracarangwa abafyitirizi batang ivyamagendo mutubutike bigatum abaforoma bakora mwako karere bafatwa nabi nabo bakurikiranir amagara yabo.Leta yarikwiy kugarukir abadandaz imiti mutubutike bataz ivyo batanga.

  • Umuganga Ni Umuntu Imana yahaye ububasha bwokurokora ubuzima bwakiremwa muntu.ninacogituma kubwiryoteka yahawe akwiye kwitanga. kandi akitanga bivye kumutima Imana izobimuhembera. natabikora uko naho azoba akoze inyuranye nibanga yayarose. nuko Imana Ibajimbere mugikogwa kitoroshe barose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.