Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kubura itiro birafise ingaruka ku nkabuzo z’umubiri(gènes) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kubura itiro birafise ingaruka ku nkabuzo z’umubiri(gènes)

Kubura itiro birafise ingaruka ku nkabuzo z’umubiri(gènes)

vendredi 1er Ntwarante 2013

Kuryama umwanya muto mw’ijoro ibihe vyinshi birashobora gutuma haba ihungabana ry’inkabuzo zikenewe ku magara yacu,na cane cane inkabuzo zijanye n’ukutaba umerewe neza canke izijanye no gukingira umubiri.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru 7sur7 avyandika,ku bipimo vyakozwe ku bantu baryama munsi y’amasaha atandatu mw’ijoro mu kiringo c’indwi yose,vyerekanye ko haba ihinduka mu gikorwa c’inkabuzo zikora mu bijanye no kurwanira umubiri.

Bisigura ko iyo udasinzira bikwiye bishobora kugira ingaruka ku buzima muri kazoza.
Amahinduka yashitse ku nkabuzo zirenga 700,yoba ashobora kwerekana neza ubuhinga bwongereza indwara ku bantu bataryama umwanya ukwiye na cane cane indwara z’umutima,Diyabete,ubuvyibuhe burenze,n’ihahamuka.

Umwigisha Derk-Jan Dijk,umuyobozi w’ikigo c’ubushakashati ku bijanye n’itiro muri kaminuza la Surrey University yavuze ko batangaye babonye ko itandukaniro gusa ritoya ry’umwanya wo gusinzira rishobora gutuma haba igihinduka mu mubiri,ni ikimenyetso ko kuba umuntu adasinzira bituma yumva uburuhe.

Mu bushakashatsi bwakozwe ku bakozi bo mu gihugu c’Ubwongereza,abarenga 5 kw’ijana bavuze ko baryama amasaha ari munsi y’atanu mw’ijoro.

Mu bundi bushakashatsi bwakozwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu mwaka w’2010,abababa 30 kw’ijana bavuze ko baryama amasaha ari munsi y’atandatu mw’ijoro.

Nk’uko 7sur7 ibandanya ibimenyesha,umurwi wa Dijk wasavye abagabo 14 hamwe n’abagore 12 bafise hagati y’imyaka 23 na 31 y’amavuko,bose bafise ubuzima bwiza ko bomara iminsi 12 mu nzu y’ubushakashati, ariko vyabonetse ko muri iyo minsi bamaze aho umwanya wo kuryama wagiye urahinduka kuko uko iminsi yahera niko umwanya baryama wahinduka.

Jim Horne,umwigisha w’icigwa c’inyifato y’umubiri mu kigo c’ubushakashatsi ku bijanye n’itiro muri kaminuza Loughborough University yavuze ko ingaruka mbi zo kudasinzira mu kibano no gukenera amasaha munani yo gusinzira kenshi biba ku rugero rurenze,kandi bishobora gutera amakenga menshi.

Naho ico cigwa ngirakamaro cerekana amakenga,ni vyiza kwibutsa ko kubura itiro bitera ingorane mu mubiri.Dutegerezwa kuba maso kugirango ntidufatire ibintu muri rusangi.Iciyongereyeko,itiro rirashobora kumenyera ihindagurika.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.