Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kugenyerwa kw’igitsina gabo bibonwa gute mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kugenyerwa kw’igitsina gabo bibonwa gute mu Burundi

Kugenyerwa kw’igitsina gabo bibonwa gute mu Burundi

jeudi 6 Ruheshi 2013

Kugenyerwa bisigura n’iki? Vyatanguye ryari ? Bifasha iki ? Ni iyihe nsiguro babiha ? n’iyihe nyungu umuntu ahakura? Ivyo ni bimwe mu bibazo abantu benshi bibaza ku bijanwe no kugenyerwa.

Kugenyerwa ni umugenzo watanguye kera cane kuva kuri ba Burahamu bavugwa mu bitabo vy’Imana (Bibiliya). Bikaba vyari bifise insiguro mu mico y’abayahudi ivuga ko ari ikimenyetso c’isezerano hagati y’abantu n’Imana. Uwo muco wo kugenyerwa n’ubwo ari uwa kera, wagumyeho mbere n’ubu ukaba ukurikizwa cane mu kigobe c’abarabu.

Kugenyerwa kw’igitsina gabo bisigura kandi gukebwa, aho bakurako igishato kirenga k’umutwe w’igitsina c’umugabo. Mwokwibaza muti, mbe kugenyerwa bifise akamaro akahe canke ni iyihe ngaruka kubatabikoze? Akamaro ko kugenyerwa n’uko bituma haba isuku ku gitsina gabo, bigakinga indwara zitari nke zo mubihimba vy’irondoka zishobora kwiyadukiza bivuye ku mwanda wo ku gitsina, nk’isifisi, berenoraji, mbere uwagenyerewe ntapfa kwandura umugera wa sida. Ubushakashatsi butari buke bujanye n’amagara meza bwarerekanye ko iyo igitsina gabo cose kigenyewe igitigiri c’abagwaye indwara zifatiye kuri ico gihimba c’irondoka kigabanuka.

Ingaruka mbi ishobora gushika n’uko umusore atagenyewe bitamworohera neza kurangura amabanga mpuzabitsina. Na hano mu Burundi uwo mugenzo wo kugenyerwa urazwi n’ubwo udakorwa na bose. Ikainyamakuru « IGIHE » carabajije abatari bake mu gisagara ca Bujumbura, eka n’abava mu ntara hagati kuvyerekerenya n’uwo mugenzo wo kugenyerwa. Umuntu yihweje, abakora uwo muco wo kugenyerwa, abenshi n’abo mu bisagara canke n’abava mu misozi basiguriwe ico arico kugenyerwa.

Vyagaragaye ko abava mu mitumba badashoka babikora canke abahumuye, bavuga yuko bidakenewe ko babikora, ngo n’abasokuru barabayeho batagenyewe. Umugenzo wo kugenyerwa wazanywe n’abakoroni b’abarabu ari nabo bazanye idini rya islamu mu Burundi baciye muri Zanzibar, baca barigishisha abatari bake imico y’iryo dini harimwo kugenyerwa kuko kuribo, ari ikimenyetso gihanbaye cerekana ko wubaha Imana. Kuva ico gihe bica birakwiragira mu bantu bose n’abatari mw’idini rya Islamu.

Bamwe mu misobore n’abagabo twabajije, batubwiye ko kugenyerwa bifise akamaro kanini kuko iyo hageze kurangura mabanga mpuzabitsina biborohera kurusha batagenyewe. Ikindi naco, bavuga y’uko iyo umuntu atagenyewe n’ubwo aba yarubatse urwiwe, aguma ari mu rwego rw’abasore. Kuri bo, kugenyerwa, ni nk’umugenzo wo kwatirwa, ukaja mu rwego rw’abagabo. N’abigeme ubabajije, bavuga ko bohitamwo abagenyewe kurusha abatagenyewe.

Umwe mubakoresha ivy’ubuvuzi hano mu gisagara, yatumenyesheje ko kugenyerwa ari vyankerwa cane ku gitsina gabo wese kugira bikingire indwara zitari nke zifatiye mubihimba vy’irondoka.Yabandanije avuga ko hari hakenewe ko ababinonosoye neza bovyigisha abandi, bagahimiriza abatarabikora na na rirya mu migenzo y’abarundi ibintu bifatiye ku gitsina , ari ikinyegezwa.Vyari bikwiye ko bivugwa ku mugaragaro kugira hakingirwe benshi.

Abantu benshi baribaza ryari bogenyerwa canke ko yoba ari itegeko kuri bur’igitsina gabo wese. Vyiza umuntu yogenyerwa akivuka, kuko iyo agenyewe akiri muto, ntibisaba gukoresha akanyuzi kugire begeranye umubiri, kandi hakira ni ngonga. Iyo ugenyerewe ukuze naho, birababaza cane, kandi n’inyuzi zirateba kuvako. Ikindi ni iyo umugabo agize iciyumviro co kurangura amabanga y’abubatse atarakira, uko igitsina ciwe kivyimba, niko inyuzi nazo zikwega umubiri, bigatuma ububabare bwiyongera cane.

Kubibaza ko ryoba ari itegeko kugenyerwa, haba namba si itegeko, ariko ni ivyankenerwa cane. Kugenyerwa, ni umuco mwiza wari ukwiye gukorwa kandi na bose kugira indwara zifatiye mu bihimba vy’irondoka zigabanuke, igitsina naco kigire isuku.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.