Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kugira uburuhe burengeje, kimwe mu bituma abakenyezi badasama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kugira uburuhe burengeje, kimwe mu bituma abakenyezi badasama

Kugira uburuhe burengeje, kimwe mu bituma abakenyezi badasama

mercredi 26 Ntwarante 2014

Iyo umugore n’umugabo bubatse urwabo, hari ingingo bategerezwa gufatira hamwe zibega uko ari babiri. Iyo batavyumvikanyeko, bigashobora kuba intambanyi mu rugo rwabo.

Zimwe mu ngingo zitegerezwa kwumvikanako hagati y’umugore n’umugabo, akaba ari ibijanye n’abana bagiye kuzovyara. Hari ingo zishima ko umugore yosama imbanyi bakicubaka urwabo, n’izindi ngo zishima ko umugore n’umugabo bobanza kwibanira igihe ata mwana arajamwo.
Kubipfuza gusama kare bacubaka urwabo, hari igihe bishika umukenyezi ntasame uko yari avyiteze. Abahinga banonosoye ivy’irondoka rijanye n’amagara meza bavuga ko hari imvo zitandukanye zishobora gutuma abakenyezi badasama. Muri izo, bakavuga ko hariho kugira uburuhe burengeje.

Amatohoza yakozwe ku bagore bashika ku majana atanu n’umwe, yererekanye isano riri hagati yo kugira uburuhe burengeje hamwe no kudasama canke kugumbaha. Ubuhakashatsi bwakorewe muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika bwagaragaje ko abagore bagira uburuhe burengeje, bahura n’ingorane yo kudasama ugereranije n’abagore batiruhisha.

Umugore canke umukobwa yiyumva mu mubiri hamwe n’ukungene yiyumvira, bishobora kuba intandaro y’ukugumbaha. Abo bagore 501 bakurikiranywe n’abashakashatsi bari bipfuza gusama mu kiringo c’umwaka umwe canke urenga, bakaba bari hagati y’imyaka 18 na 40.
Muganga Courtney Dennig-Johnonson, ari mubagize ubushakashatsi ku bijanye n’isano riri hagati yo kugira uburuhe burengeje no kugumbaha, avuga ko ku bagore bagira uburuhe burengeje, abagera ku bice 29 kw’ijana vyabakurikiranye, kuko batashoboye gusama mu kiringo c’umwaka umwe. Naho biri uko, muganga Courtney Dennig-Johnonson asanzwe yigisha kuri kaminuza ya Ohio, avuga ko ubushakshatsi bagize butashatse gushira amakosa ku bagore, kuko hari igihe usanga umuntu ategerezwa gukora cane kugira abeho. Ariko, bahanura abagore kwibuka kwama baruhurira umubiri kugira bashobore kugira amahirwe yo gusama.

Mukugabanya uburuhe, muganga Dennig-Johnson, avuga ko inyuma yo gukora ibikorwa biruhije, kwinonora imitsi nk’iminota 20, kugira Yoga, n’iyindi myimenyerezo yoroshe nko gutambuka, bishobora gufasha kugabanya uburuhe n’ivyiyumviro vyinshi umuntu yari afise.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.