Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuja mu cumba gishusha «Sauna» inyuma yo kwinonora imitsi vyoba bifise (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuja mu cumba gishusha «Sauna» inyuma yo kwinonora imitsi vyoba bifise (...)

Kuja mu cumba gishusha «Sauna» inyuma yo kwinonora imitsi vyoba bifise akamaro akahe?

mercredi 31 Kigarama 2014

« Sauna », ni icumba gushushe kivamwo umwuka (Vapeur), gifise ubushuhe buri hagati ya 70 na 90°C, kigituma n’umubiri ubira ivyuya cane.
Abatari bake baribaza akamaro icumba ca Sauna coba gifise canke ingaruka zoba zihari ku magarara y’abantu.

Mu migenzo y’ababitanguranye, kuja muri Sauna, vyama bikorwa inyuma yo kwinonora imitsi mu gihe umuntu yoba yipfuza kubandanya abira ivyuya cane, ivyo bigakorwa ku bantu bose bavyishakiye. Mu bushakashatsi bwakozwe na « Alternative Medicine Review » ku bijanye na Sauna, bivurwa ko abantu bafise ingorane z’umutima no guhema batarekuriwe kwinjira mu cumba sauna kuko bishobora gutuma umutima uhagarara.

Ariko turetse iyo ntambanyi, kuja muri sauna birafise ingaruka nziza ku magara y’abantu naho umuntu yobikora iminsi yose.
Mu cumba sauna, n’ahantu hashushe, hatuma umubiri ubira ivyuya vyinshi, intoboro z’umubiri uhemeramwo zuguruka, umuntu yumva aruhutse mu mubiri, ku bantu bafise imyitwarariko myinshi y’ubuzima (stress), Sauna kiri mu bimufasha kuruhuka bigatuma kandi n’amaraso atembera neza mu mubiri mbere umuntu akagira n’akabiri karemvye.

Abagize ubushakashatsi, bavuga ko kuja muri Sauna ari ngira kamaro, ku barwayi ba hasima n’abafise ingorane zo mu mahaha « Bronchite chronique », abafise ingorane zo mu maguru (rhumatismes inflamatoires) n’izo mw’ihwaniro ry’amagufa (douleurs articulaires) hamwe no ku bantu bafise ingorane zo kugira amaherehere mu maso kuko aca yuma.
Ku bibaza ko kuja mu cumba ca sauna, vyoba bituma abantu bavyibushe bata ibiro, abo bashakashatsi bavuga ko sauna idafasha gusohora ibinure ariko ituma umuntu abira ivyuya kugeza kw’iritiro imwe n’igice umubiri ugahema neza. Amazi nayo umuntu aba yasohoye ariko arabira ivyuya agashobora kuyagarura mu gihe anyoye ayandi mazi.

Mwomenya ko bihanuwe ko umuntu yinjira mu cumba ca sauna yabanje kwisukako amazi, inyuma yo kwinonora imitsi. Ku bijanye n’umwanya naho umuntu yomarayo, iminota 25 irakwiye kugira abe yabize ivyuma n’umubiri ube waruhutse. Muri iyo minota 25, bisabwe ko yuko, uko iminota cumi iheze, umuntu yoza arasohoka kwisukako ayandi mazi hama akabona gusubirayo.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.