Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuki abaganga bihaniza abagore kunywa inzoga bibungenze ? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuki abaganga bihaniza abagore kunywa inzoga bibungenze ?

Kuki abaganga bihaniza abagore kunywa inzoga bibungenze ?

mardi 9 Nyakanga 2014

Kuva mu mwaka w’1996 igenekerezo ry’9 Nyakanga isaha zitatu, kw’isi yose barahimbaza ingaruka mbi ziterwa n’ukunywa inzoga mu gihe umuvyeyi yibungenze canke yonsa, iyo ndwara bakayita "Syndrome d’Alcoolisation Foetale (SAF)".

Iyo umuvyeyi yibungenze yihereza inzoga, zirarengana neza ingovyi ikingira umwana zikamushikira, bigakora ku bigize ubwonko bw’umwana ari vyo bituma azogira ingorane zikomeye mu gukura kwiwe. Ingorane zishobora guterwa n’izo nzoga n’uko umwana ari munda ashobora kudakura neza mu bijanye n’ibiro, imbaga (taille), ubipimo vy’ umutwe; akavuka ari magoyagi canke ataragera (prématuré). Arashobora n’ukugira ubumuga bw’ubwonko, amaso, amatwi, amenyo, amagufa, umutima, ubihimba bisohora umwanda muto (appareil urinaire), n’izindi ngaruka mbi nyinshi.

Uyu munsi mpuzamakungu wahariwe kwikingira iyo ndwara (SAF) ni ko karyo ko guhimiriza abanyagihugu bose (abakenyezi n’abagabo babo) hamwe n’abajejwe amagara y’abantu ku ngaruka mbi zishikira umwana yibungenzwe zitewe n‘uko umuvyeyi wiwe anywa inzoga.

Tukamenya ko bibujijwe cane kunywa inzoga ku muvyeyi yibungeze, yaba agisama canke haciye igihe yibungenze, kuko atanahamwe hadafise inkurikizi mbi ku mwana ari munda, arico gituma abavyeyi bokwirinda inzoga mugihe bibungenze canke bonsa.


Nadege Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.