Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuki bamwe mu bagabo bashima kuronka umwana inyuma y’imyaka mirongo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kuki bamwe mu bagabo bashima kuronka umwana inyuma y’imyaka mirongo (...)

Kuki bamwe mu bagabo bashima kuronka umwana inyuma y’imyaka mirongo itatu?

mardi 18 Ntwarante 2014

Kuronka umwana n’umugisha ku muryango, akaba n’iteka ku bayeyi bamwibarutse. Umwana ni kimwe mu bishobora gutuma urugo rushinga rukaguma. Hari n’abavuga mbere ko umwana ari inki y’urugo.

Mu bihugu bimwe bimwe, hari abagabo bashima ko abagore baba bahisemwo kuzubakana, babanza kubatwaza inda imbere yuko babashika mu rugo kugira babapime ko batoba ari ingumba. Ico kikaba ari kimwe mu bimenyetso vyerekana ingene umwana ari inkingi y’urugo. Ariko naho biri uko, rimwe na rimwe, abagabo benshi bipfuza kuronka umwana bageze ku myaka yisununuye gato. Mu matohoza yakozwe n’abashakashatsi mu vyirondoka rijanye n’amagara meza, ibiharuro vyerekana ko ibice bibiri kuri bitatu vy’abagabo, baronka umwana wabo wa mbere, bafise ku myaka mirongo itatu n’iyirenga.

Muti none n’igiki coba gituma abo bagabo bibaruka imyaka yabo imaze kwisununura?

Bimwe mu bituma abagabo bashima kuronka umwana inyuma y’imyaka mirongo itatu, mu vyerekanywe n’abashakashatsi, hari uburyo bwo gushobora gutunga umuryango baba batarakwiza, hari ukuba bataranonosora ibijanye n’irondoka, ugutinya kwibaruka batavyiteguriye. Hari n’abavuga ko atakwihuta kuvyara, imbere yo kubanza kuryohererwa ubusore, canke gukora imigambi yabo baba bareteguye imbere yo gushinga urugo.

Ku kibazo gukunzwe kwibazwa n’abatari bake co kumenya imyaka yegenewe kuronkeramwo umwana, kumenya imyaka umugabo ataba akironka umwana canke kumenya n’icotuma umwana atoboneka, muganga Georgette Ndihokubwayo asanzwe araba ibijanye n’irindoka mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE yaragize ico abivugako.

Muganga Georgette Ndihokubwayo, yamenyesheje ko abagabo bafise uruhara nta ngere mu kuronka umwana. Ku bijanye n’imyaka ku bagabo yo kuronkeramwo umwana, n’imyaka ataba bagishobora kumuronkamwo umwana, abahinga bavuga ko ata myaka yashinzwe ihari, kuko bishobora kuvana n’imibereho y’uwo mugabo bivanye n’ukugene yakuze n’aho yakuriye. Ata ngorane naho zoba zivuye ku mbuto zabo, bashobora kwibaruka gushika bitabe Imana. Ivyo bikaba atari co kimwe n’abakenyezi kuko bobo, iyo bageze ku myaka yo guca (menopause) bitaba bigikunda ko basubira kwibungenga. Abahinga bakavuga ko n’imyaka cumi imbere yuko baca, bigorana kuronka ikibondo kuri bamwe bamwe.

Ku bibaza ko hoba hari ingaruka ku mwana zoba zivuye kuri se yamwibarutse afise imyaka imaze kwisununura, ubushakshatsi ntakinini bunivugako, ariko hakaba hari bamwe bavuga ko bishika umwana akavukana ubwenge budakwiriye nk’abavyawe n’abakiri bato. Ivyo ariko bikavugwa na bamwe mu bantu, mu gihe ubushakashatsi mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, ataco bubivugako.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.