Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kunegura inyambaro n’inyifato y’abakobwa ba Obama vyatumye atanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Kunegura inyambaro n’inyifato y’abakobwa ba Obama vyatumye atanga (...)

Kunegura inyambaro n’inyifato y’abakobwa ba Obama vyatumye atanga imihoho

mardi 2 Kigarama 2014

Inyuma yaho aneguriye inyifato hamwe n’inyambaro y’abakobwa b’umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama, Elizabeth Lauten umuvugizi w’umwe mu bari mu mugambwe w’abarepuburika.

Elizabeth Lauten icatumye atanga imihoho n’uko abatari bake bagaye ukungene uwo mupfasoni yihaye kunegura inyifato n’ivyambarwa vy’ibibondo vya Barack Obama( (manque de classe) abicishije ku muhora ngurukanabumenyi’’ facebook’’, ikizira mu gihugu c’ Amerika. Elizabeth Lauten yemeje ko yari yumva ashaka gutanga imihoho kuri uno wa mbere nk’uko yavyiganiye ibinyamakuru bitari bike vyaho mu gihugu c’ Amerika ,inyuma yaho abatari bake batangajwe cane n’inyifato y’uwo mupfasoni yubahuka kunegura bikabije ivyo bibondo ,ibitanezereje mbere abatari bake.

Uyo mupfasoni yari yanditse ubutumwa ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook yifatira abo bana avuga ko batazi ingene bifata mu bantu hamwe n’inyambaro zabo bana Sasha w’imyaka 13 hamwe na Malia w’imyaka 16, mu gihe hari umunsi mukuru ku kirimba c’umukuru w’igihugu ku munsi wa gatatu uheze. Yagize ati : ‘’Nimube mwambara kugira mwubahwe aho kwambara nk’aho umenga mugiye mw’ibari’’

JPEG - 63 ko
Elizabeth Lauten umuvugizi w’umwe mu bari mu mugambwe w’abarepuburika

Nk’uko vyama muri uwo munsi mukuru wama uba buri mwaka abo bana baba bahagaze impande ya se . Abatari bake bakaba bavuze ko muri ivyo birori, abo bana basa naho barambiwe bikabije naho bagerageza kumwenyura buhorobuhoro, ivyo rero bikaba vyatumye abamenyeshamakuru baguma birabira bitwengera hamwe n’abandi bagira ico babivuzeko.

JPEG - 76.7 ko
Igihe haba umunsi mukuru ku kirimba c’umukuru w’igihugu ku munsi wa gatatu uheze

Ku munsi wa gatanu Elisabeth Lauten yari yasavye imbabazi kubona yaraciye urubanza mu nyifato y’abo bakobwa ba kizigenza w’igihugu ca Amerika ,ati ndabasavye imbabazi kubona naraneguye abo bana kandi naje nkiri muto ntari nshaka ko hari uwunegura nanje.

Muri ico gihugu rero n’ibimenyeshamakuru ntabwo bivuga na rimwe ku vyerekeye ubuzima buraba abo bana gusa( Vie privée) bw’abo bana, ni nk’ikizira.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.