Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kunywa itabi bituma umubiri usaza kare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kunywa itabi bituma umubiri usaza kare

Kunywa itabi bituma umubiri usaza kare

mercredi 6 Munyonyo 2013

Biramaze kuvurwa akatari gake, mbere n’abanonosoye ivy’amagara y’abantu, babandanya bahimiriza bavuga ko, itabi riri mu bifise ingaruka mbi ku magara yacu. Abanywa itabi bafise amahirwe menshi yo gusinzikara ni ngoga kurusha abatarinywa. Umubiri urakongatara, ukazana iminkanyari, haba ku maso canke ku minwa, urukoba rw’umubiri rugaca rusaza kare.

Hari n’ubushakashatsi buheruka gukorwa ku mahasa, yemeje kandi ingaruka mbi z’itabi k’urukoba rw’umuntu. Akaba ari icirwa gishasha cakozwe n’umurwi w’abanyamerika wo kuri kaminuza yitiriwe Case Western Reserve, wasohoye mu kinyamakuru gisanzwe kivuga ivy’ubuvuzi « Plastic and Reconstructive Surgery »
Nk’uko ikinyamakuru kibidushikiriza, muganga Bahman Guyuron, umwe mubatanguye ubwo bushakashatsi, avuga ko bizera ko inyuma y’ivyo vyirwa biheruka kwerekanwa ku mabi aterwa no kunywa itabi na cane cane mu kwonona urukoba rw’umuntu, bizoshobora gutuma abanywa itabi bariheba ku bwinshi na rirya vyamenyekanye ko iyo umubiri ushaje, udasubira kumera nk’uko wahora utarononwa n’itabi.

Ivyirwa vyakozwe, bikaba vyakozwe ku masanamu, ku mirwi 79 y’amahasa asa, afise imyaka yoba igera kuri 40 y’amavuka, abenshi muri bo akaba ari n’abakenyezi bafashwe amasanamu bari mu manza. Kuri ayo mahasa yose yagizwe kw’amatohoza, vyagaragaye ko, amahasa yanyoye umwaya muremure itabi, basanze urukoba rwabo rwo munsi y’amaso yabo, rumeze nk’urwakorotse, akagira n’iminkanyari iruhande y’iminwa. Ibisigurwa n’abagize ico cirwa. Ivyo navyo bikaba bitava ku gitigiri c’itabi ayo mahasa yanywa ku munsi.

Ibindi vyagaragaye nk’ibitera umubiri gusaza m’ubushakashatsi bw’abahinga babinonosoye, n’amavuta akundwa kwisigwa iyo bagire baje kwota akazuba, kunywa inzoga, kugira imyitwarariko myinshi ku kazi. Abicishije mu kinyamakuru Reuters, Elizabeth Tanzi, umuhinga mu vyo kuraba indwara zo k’urukoba rw’umuntu, amenyesha ko abantu bari bakwiye kwama bibuka ingaruka mbi, na cane cane ingwara zidakira zica zibonekeza, nk’iza kanseri y’amahaha, indwara z’umutima, kwonenekara kw’ubwonko, n’izindi. Ikindi naco, umuhinga Elizabeth Tanzi avuga ko, ivyuka vy’itabi bituma uduhimba dutuma umubiri ukingirwa, twononekana ni ngonga.

Ati, n’ubwo bahamagarira guhagarika kunywa itabi, abarinywa bakwiye kuraba uburyo barihagarika, ntibarihagarike giturumbuka, bidahava bibazanira izindi ngaruka.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.