Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kutamenya umurwi w’amaraso kutimenya vy’ukuri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kutamenya umurwi w’amaraso kutimenya vy’ukuri

Kutamenya umurwi w’amaraso kutimenya vy’ukuri

mercredi 11 Ruheshi 2014

Kenshi na kenshi, abanyagihugu bo mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, usanga batitwararika cane ibijanye n’amagara yabo, ndetse ugasanga batazi n’imirwi y’amaraso yabo, mu gihe umurwi w’amaraso w’umuntu ari nkenerwa, kandi bigasabwa ko umuntu yogenda awuzi.

Aha rero, umuntu yoca yibaza ni ryari bikenewe kumenya umurwi w’amaraso umuntu afise?

Ni vyiza kumenya umurwi w’amaraso hakiri kare, ku buryo hagize nk’ikiba kibi cerekeranye n’amagara na cane cane nk’ivyerekeye nko kubura amaraso, bashobore kugutabara, hakiri kare, ndetse abaganga bagashobora kukuvura, ndetse hageze ko bagutera amaraso mu gihe wayabuze, vyorohe, binanyaruke. Umuntu akaba akenera amaraso igihe yaviriye mu mubiri ivyo bita hemoragie interne, mu gihe umuntu yagize isanganya agakomereka cane bigasabwa ko bamushona bakanamubaga, canke mu gihe umukennyezi yibarutse akava cane. Ku bw’ivyo, ni ivyankenerwa ko umuntu amenya umurwi wiwe w’amaraso hakiri kare.

Kugira umuntu yirinde ivyogorana ku vyerekeranye n’iyo mirwi y’amaraso, ni ivya nkenerwa kwubahiriza ibijanye no gutanga amaraso, no kuwugiye kuyaronka. Ku bw’abahinga babinonosoye, kumenya umurwi w’amaraso, bigashobora no gufasha kumenya se w’umwana.

Akandi kamaro ko kumenya umurwi w’amaraso, akaba ari nk’ iyo umuntu yisuzumishije, aho aca aronka agakarata k’umurwi wiwe arimwo, kakaba nk’ikarata imuranga. Abahinga bakavuga ko iyo umuntu atazi umurwi wiwe, bisigura ko agenda atiyizi vy’ukuri.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.