Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Kuvukana umugera wa SIDA si umuvumo canke icago" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > "Kuvukana umugera wa SIDA si umuvumo canke icago"

"Kuvukana umugera wa SIDA si umuvumo canke icago"

mardi 3 Kigarama 2013

Umugera wa SIDA ni indwara yandurwa mu buryo butandukanye. Hari abawuvukana n’abandi bawandura barakuze, bawirondereye canke batawirondereye.
Kabura Eric ni umwe mu rwaruka rw’abarundi bagendana umugera wa SIDA, yanduye biciye ku bavyeyi biwe. Uyo Kabura ni umusore w’imyaka 19 yavukiye mu gisagara ca Bujumbura, akaba asanzwe ari umunyeshure akerebutse, akagira ivyiyimviro birashe n’imigambi yo kwiteza imbere.

JPEG - 40.8 ko
Eric Kabura

Mu gihe kw’isi yose baraye bahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Eric Kabura yashimye gushinga intahe y’ukungene yanduye umugera wa SIDA kugira bifashe n’abandi kuwirinda.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 3 Kigarama 2013, Eric Kabura avuga ko umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, umwibutsa igihe yamenya ko arwaye umugera wa SIDA, ukanamwibutsa kandi nabo umaze guhitana bose harimwo abavyeyi biwe, umuvukanyi n’abagenzi.
«Namenye ko ngwaye umugera wa SIDA nkuze kuko n’abavyeyi banje bari barabinyegeje. Nagiye kubimenya igihe mbonye abavyeyi bariko barampa imiti ntazi iyariyo, aho nari ngeze ku myaka 11 y’amavuka. Imbere y’uko menya ko ngwaye umugera, nari umuntu aguma agwaragurika, nkasinzikazwa n’uturwara dutandukanye dutoduto. Ico gihe nta n’umushatsi nagira kuko umugera wari wamfatiye mu mushatsi, imiti nayo yo gupfupfahaza umugera wa SIDA ikaba itari bwaboneke, bigaca binsaba ko nza ndafata imiti igabanya gusa imibabaro y’uturwara twaza turamfata. Ariko kuva aho imiti ipfupfahaza umugera wa SIDA ibonekeye mu Burundi, nkayifata uko muganga abimbwiye, naragize akarusho kadasanzwe kuko uturwara twose twaza turankarira, tutasubiye kunsinzikaza. Aho novuga nk’indwara y’igituntu co mu magufa, inkorora, n’izindi. Ubu akaba ata muntu ashobora kumenya ko ngwaye umugera adasanzwe abizi canke ngo ndabimwibwirire ».

N’aho ikibazo co kuronka imiti ubu cakemuwe kw’isi yose no mu Burundi harimwo, Kabura Eric avuga ko ikibazo co gukumirwa, kwinubwa no gusuzurwa kikiri intambanyi kubagendana umugera wa SIDA. « Ndibuka nkiri umwana, abavyeyi b’abagenzi banje twabana, barababuza cane gukina nanje, kugira simpave ndabanduza umugera wa SIDA. Ivyo bikambaza kuko jewe nabona ko ndi umwana nk’abandi, bigaca bituma mbere nshaka kuguma ndi jenyene atawundi tugendana ».

Zimwe mu ngaruka zikunze kwibonekeza ku basanze barwaye umugera wa SIDA, hari ugucika intege no kwihebura muribo. Eric Kabura yahamagariye abagendana bose umugera wa SIDA kutihebura muribo canke ngo bacike intege zo kubandanya bategura kazoza kabo, kuko kurwara umugera wa SIDA bidasigura iherezo ry’ubuzima. Abatarawandura nabo, bokwama bipimisha, bakirinda no kugendera mu ngeso mbi. Ati : « Kuja mu mashirahamwe birafasha kutaguma wumva uri wenyene, canke umuntu yumve ko ubuzima bugiye guhagarara. Ikindi naco, abantu boreka gupimisha ijisho mukuraba ko umuntu arwaye canke atarwaye. Vyiza bokwijukira kwama bipimishije ».

Mwomenya ko Eric Kabura asanzwe ari mw’isharahamwe rihurikiyemwo abagendana umugera wa SIDA, RNJ+ (Réseau national des Jeunes vivant avec le VIH/SIDA), ishirahamwe risanzwe rifasha guhimiriza kwirinda umugera wa SIDA.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.