Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwivura birafise ico vyonona ku magara yacu? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kwivura birafise ico vyonona ku magara yacu?

Kwivura birafise ico vyonona ku magara yacu?

lundi 22 Nyakanga 2014

Ni kenshi iyo umuntu yumva agwaye aca anyarukira aho bagurisha imiti, akagura uwo yibaza ko ushobora kumukiza canke agafata uwasanganywe mu nzu azi ko uhora umumara ububabare. Ariko ntawibaza ingaruka y’iyo miti umuntu afata atabajije muganga. None kwivura birafise ico vyonona mu mubiri?

Mu kiganiro umuganga Kabika Siri yahaye ikimenyeshamakuru IGIHE, agasigura kwivura (l’automédication) ko ari ugufata imiti utandikiwe n’umuganga. Akavuga ko abantu benshi bafata imiti batabanje kuja kwivuza kwa muganga. Ivyo navyo bigaterwa no kutamenya ingaruka mbi zishobora gushikira uwafashe umuti atandikiwe n’umuganga, ubunebwe benshi bagira bwokuja kwivuza canke ugufata minenerwe indwara.

Nk’uko muganga Kabika yabisiguye, naho benshi bivura hari ingaruka mbi nyinshi zishobora kubashikira . Umuntu ashobora gufata imiti itavura indwara agwaye , akarorero n’iyo umuntu yibaza ko agwaye marariya (malaria) akagafata kinine (Quinine) naho asanzwe agwaye fièvre typhoide atavyazi. Ivyo rero biratuma umuntu atuma indwara agwaye ikomera cane, akaremba, agashobora no kumara umwanya mureremure mu bitaro, agata umwanya munini yivuza, agasesagura amahera menshi mukwivuza kubera yivuye ukutariko kandi iyo yaja kwa muganga ivyo vyose bitari kumushikira.

Kabika akuga ko ari kumenya neza ko imiti iyo ifashwe ukutariko icika "uburozi". Kuko umuti wose urafise indwara wagenewe kuvura n’ingene uwugwaye yategerezwa kuwufata. Iyo rero umuntu arengeje ibipimo vy’umuti ashobora kuhasiga ubuzima. Iyo naho anyoye nabi umuti ntakwize ibipimo, indwara agwaye ntiheza ikire, kandi iyo ndwara asubiye kuyirwara igaruka ikaze n’uwo muti ntusubire kuyivura.

Muganga Kabika ahanura abantu kudasubira kwivura batabajije umuganga kuko bisa nko kwiyahura, "amagara ni amazi aseseka ntibayore". Agasaba leta guhimiriza cane abanyagihugu ku ngaruka mbi ziterwa no kwivura hamwe n’abagurisha imiti kuza barasaba abayigura urupapuro bandikiwe n’umuganga yabavuye, kandi bakareka gutanga ubwoko bw’imiti butanditswe na muganga, kuko kenshi imiti usanga idafise ubushobozi bumwe kandi umuganga aba azi igituma yandikiye umurwayi uwo muti.


Nadege Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.