Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kwonsa umwana neza, kimwe mu bikomeza ikibondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Kwonsa umwana neza, kimwe mu bikomeza ikibondo

Kwonsa umwana neza, kimwe mu bikomeza ikibondo

dimanche 12 Gitugutu 2014

Abavyeyi bose basabwa kwonsa umwana cane cane mu mezi atandatu ya mbere ata kindi kintu na kimwe bamuhaye, ivyo bigatuma umwana akura neza.

Nk’uko abagabga babivuga, umwana atonkejwe neza, aragwaragurika, ndetse ntaheza ngo agire ubwenge bukwiye. Abavyeyi rero bakamenyeshwa ko amaberebere yikwije kuko afise imfungurwa zikwije, ndetse afitiye akamaro kanini amagara y’umwana. Amaberebere rero nk’uko abaganga babandanya babishikiriza, akaba arimwo amavitamine y’ubwoko bwose co kimwe n’ ibinure biri ku rugero rukwiye, ivyunyunyu bita fer na calcium.

Mwomenya ko amavuriro atandukanye yo mu gihugu yigisha abakenyezi bimwe mu bituma umwana akomera, agakura neza, harimwo kumwonsa amezi atandatu atakintu na kimwe umuvangiye, kuko insogi ziwe zitaba zirashobora guhingura izindi mfungurwa atari amaberebere.

Ariko rero urugero rwo kwonsa abana neza rukaba rutera rugabanuka, bimwe bigaterwa n’ubuzima buzimvye aho abantu bose harimwo n’abakenyezi bazinduka biruka barondera icorirenza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.