Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leonardo Dicaprio yabonetse ariko asomana na Rihanna - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Leonardo Dicaprio yabonetse ariko asomana na Rihanna

Leonardo Dicaprio yabonetse ariko asomana na Rihanna

mardi 13 Nzero 2015

Leonardo Dicaprio,umukinyi w’amareresi, yabonetse ariko asomana n’umuririrmvyikazi Rihanna,mu birori vyari vyatuganijwe n’umunyamuderi Nikki Erwin

Mu birori umunyamuderi Nikki Erwin yatuganije ku bw’isabukuru yiwe y’imyaka 30, abaririmvyi benshi n’abakinyi b’amareresi baritavye ubutumire. Muri bo, Rihanna na Leonardo Dicaprio ntibatanzwe.

Leonardo Dicaprio, w’imyaka y’amavuko 40, yamenyekanye cane kubera ireresi yakinye yitwa "Titanic"n’izindi yakinye zagiye zikundwa cane, ubu bivugwa ko bamubonye ariko asomana n’umuririmvyikazi Rihanna. Uwo mugabo aheruka guhebana n’umukunzi wiwe, Toni Garn, mu mpera z’umwaka wa 2014. Ico gihe yahebana na Toni Garn, abakobwa bagomba gukundana na Leonardo bari benshi .Muri abo bakobwa, harimwo n’umuririmvyikazi Rihanna, w’imyaka 26.

Ikinyamakuru "Hollywoodlife" kivuga ko Rihanna akunda cane Leonardo Dicaprio. Rihanna akaba yambwiye ico kinyamakuru avuga ko Leonardo atwenza (drole), kandi ari umuntu avuga ukuri , kandi ameze neza (authentique) mugabo Rihanna arongera avuga ko ikintu kimutera gukunda cane Leonardo ari amaso yiwe kandi ko iyo amuravye amaguru yiwe aca ajugumira. Ivyo nivyo vyerekanye ko Rihanna akunda cane Leonardo Dicaprio.

Rihanna arongera akavuga ko agomba gufata umwanya ukwiye imbere yo gukundana na Leonardo, ntagomba kwihutisha ibintu mugabo ko bigenze neza yiyumva yugurutse mu rukundo na Dicaprio.

Twizere ko Leonardo Dicaprio yumvise ubutumwa bwa Rihanna


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.