Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Leta ihimiriza abanyagihugu kugarukira ibiterwa njabukamazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Leta ihimiriza abanyagihugu kugarukira ibiterwa njabukamazi

Leta ihimiriza abanyagihugu kugarukira ibiterwa njabukamazi

mardi 27 Myandagaro 2013

Mw’ijambo yashikirije ku munsi w’ejo kuwa mbere, yibuka imyaka itatu iheze atanguye amabanga yo kuba umukuru w’igihugu ku kiringo ca kabiri, Petero Nkurunziza yahimirije abanyagihugu kugarukira ibiterwa njabukamazi bizanira amafaranga y’agaciro igihugu, batibagiye ibiterwa mbumbarugo.

"Leta nayo izofasha mu gutanga umwavu w’ikizungu ku giciro kizimbutse, aho umunyagihugu ariha ibice 40 kw’ijana gusa vy’ikiguzi c’umwavu aba aguze, Leta nayo ikamurihira ibice 60 kw’ijana."

Petero Nkurunziza yahamagariye abanyagihugu kugarukira ibiterwa njabukamazi mu gihe ibiterwa nk’ikawa umwimbu wavyo wariko uratituka, abarimyi bagasigura ko ata mafaranga bakuramwo. Abo barimyi baca bahitamwo ibindi biterwa bibinjiriza kurusha, Leta nayo igaha ihahombera.

Ku bijanye n’igiterwa c’ipampa, inyuma y’iyugarwa rya COTEBU, abarimyi ntibasubiriye kwitaho kuririma kuko umwimbu wabo munini waja muri iryo shirahamwe ryari ryugawe, uwundi ugashorwa mu makungu. Kuva aho risubiriye kwugururira, ariko kw’izina rya AFRITEXTILE, abanyagihugu basabwa gusubira kwijukira ico giterwa kiri mu vyinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.