Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Madonna yakoresheje igitero c’ikinyamakuru Charlie Hebdo mu kumenyekanisha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Madonna yakoresheje igitero c’ikinyamakuru Charlie Hebdo mu kumenyekanisha (...)

Madonna yakoresheje igitero c’ikinyamakuru Charlie Hebdo mu kumenyekanisha indirimbo ziwe

jeudi 15 Nzero 2015

Umuririmvyikazi Madonna ntako atagira kugira amenyekanishe urutonde rw’indirimbo ziwe, ziri mu gusohoka mu kwezi kwa Ntwarante uyu mwaka.

Mu gihe mu gihugu c’ubufaransa kw’igenekerezo 7 Nzero uyu mwaka habaye igitero cakozwe n’abihevyi kigahitana abantu 17 muri bo 10 bakora mu kinyamukuru Charlie Hebdo, abantu benshi barahojeje abafaransa mbere n’abarimvyi benshi canke abakinyi b’amareresi baratanze ubutumwa biyamiriza ivyo bitero.

Umuririmvyikazi Madonna ntiyatanzwe kwandika ku rubuga rwiwe rwa Instagram na Twitter ko ari Charlie ("Je Suis Charlie"), nk’uko benshi bavyanditse kugira bifandikanye n’abafaransa. Si ivyo gusa, Madonna yaranditse ubutumwa avuga ko abantu bategerezwa kubaha amadini yose kandi vyongeye bakubaha ubuzima bw’umuntu. Arongera avuga ko kwica kw’izina ry’Imana ari iciyumviro c’abantu mugabo atari iciyumviro c’Imana. Ayo namwe mu majambo Madonna yavuze.

Ubutumwa bwose yandika vyaherekezwa n’izina ry’urukirikirane rw’indirimbo ziwe:
"We are all Charle!"#revolutionoflove #rebelheart.et "We must respect All religions !!Killing in the name of God is man’s idea not God’s!!!!"#livingforlove #rebelheart.

Abakunzi n’abakunda gukurikira Madonna ku ngurukanabumenyi ntibaryohewe n’ukuntu uwo muririmvyikazi yasizeko urwo rutonde rw’indirimbo ziwe bongera bamwagiriza, kumenyekanisha indirimbo ziwe abicishije muri ico gitero cabaye mu Bufaransa:"Tu es dégoûtante. Belle manière de faire ta publicité par le biais d’une tragédie", "Dites-moi que vous n’avez pas tout simplement utilisé un message de solidarité pour faire la promotion de votre album !" Ubwo n’ubutumwa bumwe bumwe abakunzi biwe canke abamukurikira bamwandikiye mu rurimi rw’ikinofunofu.

Tubamenyeshe ko Madonna atari ubwa mbere ashavuza abakunzi biwe kuko yaheruka kwigereranya na Nelson Mandela, na Martin Luther, Elvis Presley, na Bob Marley canke na Yezu.Ayo mafoto yose yayashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho hanabonetse ifoto iriko imigozi yirabura.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.