Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega akanyuzi karashobora gutuma igwirirana ry’abantu rigabanuka? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mbega akanyuzi karashobora gutuma igwirirana ry’abantu rigabanuka?

Mbega akanyuzi karashobora gutuma igwirirana ry’abantu rigabanuka?

lundi 1er Mukakaro 2013

Akanyuzi ni agapira gatoyi koroshe, gafise utunyuzi tubiri muganga ashira mu gitereko c’umukenyezi. Ako kanyuzi kabuza imbuto z’umugabo guhura n’izumugore gurtyo ntaheza ngo asame imbanyi mu gihe baranguye amabanga mpuzabitsina.

Kuvyara k’urugero ni kimwe mu vyotuma igwirirana ry’abantu rigabanuka eka n’imiryango ikabaho yagukiwe. Abakenyezi batari bake barahitanwa n’imbanyi na cane cane abibaruka ku mwaka ku mwaka bataruhutse kuko bataruhurira igitereko. Hari n’abandi bazitwara batavyipfuje kandi bataribuzikorore bigaca bituma bavyara abana batari biteguriye. Hari uburyo butari buke abakenyezi bashobora gukoresha kugira bagabanye imvyaro, bongere birinde no gusama imbanyi batipfuje. Muri ubwo buryo harimwo gukoresha akanyuzi. Muti none iciza cako kanyuzi ni ikihe?

Ni uburyo bwo kurondoka ku rugero bukinga gusama imbanyi igihe kirekire gushika ku myaka cumi n’ibiri ;

Mu gihe cose umukenyezi yipfuje gusama imbanyi arasubira kwa muganga akakamukuriramwo, agaca asama adatevye ;

Ntamwitwarariko umukenyezi asubira kugira, aguma atekanye ;

Ntangorane gatera ku magara yiwe no mu buzima bwiwe bwa minsi yose ;

Ntaco kwonona mu gihe co guhuza ibitsina ;

Karatuma abakenyezi baziganya ubutunzi bwabo, kuko amafaranga bogiye baragura ibinini vyo kwikingira vya buri mwanya « pilule », bogura akanyuzi kamara igihe kirekire.

Akanyuzi barashobora no kugashira mu mukenyezi ahejeje kwibaruka

Ntampanuka zo gutuma abakenyezi borwara umutima gafise canke kwurwara za kanseri, bikaba atariko bimeze k’uwufata ibinini vya burigihe.

Abarundi barayamaze bati : « Nta mwonga ubura isato iba idahizwe ». Ntawosya nabwo ngo ako kanyuzi koshobora gukiza vyose, hari ingaruka mbi gashobora gutera mu gihe katakoreshejwe neza. Izo ngaruka nazo ni nk’izi :

Karashobora gutuma ikiringo c’ubutinyanka kiba kirekire, abakenyezi bakaguma bava kenshi canke mbere ubutinyanka bugahagarara igihe kirekire. Ikindi naco, abakenyezi barashobora kwongereza ibiro ku vyo bategerezwa kugira canke bakagira ibihute. Aho ikibazo gica kiza n’iki : Ni bande barekuriwe gukoresha akanyuzi? Si uwuvyifuza wese kuko hari abagenewe kugakoresha. Nabo ni nk’aba :

• Abakenyezi bibungenze

• Umukenyezi ahuza ibitsina n’abagabo benshi canke afise umugabo ahuza ibitsina n’abagore benshi

• Umukenyezi ataribaruka na rimwe

• Umukenyezi aza arabona amaraso kenshi atari mu kwezi

• Umukenyezi afise indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka harimwo n’umugera wa SIDA.

Muri vyose, umukenyezi yomenya ko akanyuzi gashirwaho n’umuganga canke umuforoma yavyigiye.N’iyo ashaka gusama imbanyi abisaba muganga akakamukurirayo. Uwufise akanyuzi nawe, yokubaha isango bamuhaye yo gusubira kwa muganga. Ku bibaza naho ko akanyuzi gashobora kuva mu gitereko ngo gashikire ibindi bihimba vy’umubiri, abajejwe ivy’irondoka rijanye n’amagara meza barahumuriza umukenyezi wese ko kadashobora kuva aho baba bagashize.

Umukenyezi wese yarakwiye kwiyumvira kuri kazoza kiwe n’akumuryango kuko afise uruhara runini kugira igwirirana ry’abantu rigabanuke. Eka n’abagabo ntiboca bashira agati mu ryinyo ngo « igikorwa si icacu », ahubwo bari bakwiye gufasha abakenyezi kugira igwirirana ry’abantu rigabanuke. Uruhara ruri ku bantu bose, mu kwibuka ko ata muntu yubaka inzu atabanje gutegura uburyo bw’ingene izokwuzura. N’imbere yo kuvyara umwana, umuvyeyi wese yarakwiye kubanza kwitonda, akiyumvira kuri kazoza k’umwana, ingene azobaho, azokura aroraniwe mu mpande zose, na rirya amatongo y’iki gihe aguma yaga. Mu minsi, tuzobayagagira naho, ku nkurikizi y’igwirirana ry’abantu.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.