Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mbega kunywa amata vyoba bifise ingaruka iyihe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mbega kunywa amata vyoba bifise ingaruka iyihe

Mbega kunywa amata vyoba bifise ingaruka iyihe

mercredi 15 Rusama 2013

Amata ari mu bonyobwa bikundwa n’abantu batari bake. Ariko ku bahinga banonosoye ibijanye no gufungura bivanye n’umurwi w’amaraso umuntu afise, abari mu murwi wa O na A, ntibikenewe ko banywa amata kuko usanga kenshi atabarwa neza mu mubiri. Ivyo navyo bigatera amakenga ku basanzwe bakunda kuyanywa.

Umwigisha Jean-Marie Bourre, yanonose ibijanje no gufungura neza, yaragerageje gusigura bimwe bimwe ku bijanye n’amata.

Amata n’ibindi bikozwe mu mata ni ivya nkenerwa mu mubiri, ku myaka yose umuntu aba afise. Icunyunyu Calicium kiri mu mata, gituma amagufa yo mu mubiri akomera, ugukura ku mwana, ikanakingira no gukongatara kw’amagufa. Ariko, ibisubirira amata, aha twovuga umutobe w’isoya ahanini, ntivyorohereza amagara y’abantu na cane cane amagara y’abana.

Nta buhinga buteye imbere na bumwe canke ubushakashatsi buteye imbere bwerekana ubumara bwoba buri mu mata umuntu ayanyoye ku rugezo rusanzwe canke rugereranije.

Umuntu asanzwe arya vyose ategerezwa kuza aracungera uburyo afungura akaza aravanga ubwoko bwose bw’imfungurwa. Ubwoko bwose bw’imfungurwa burafise ikimazi mu mubiri w’umuntu. Nta na kimwe gitegerezwa kwínubwa. Imfungurwa zigizwe mu mata zizana icunyunyu ca calicium ari naco gituma tudakwiye kucirengagiza kuko izindi mfungurwa zitikwije mu gutanga iyo calicium mu mubiri.

Yaba inyama zo mu bikopo zifise amavuta ku rugezo rukwiye, yaba ishu aho bisabwa ko umuntu ategerezwa gufungura ikiro cose kugira asubirize ikirahuri c’amata.

Ntibikwiye gusubirira amata kuko igufa ntiriguma ari ryarindi, canke ngo ribore, ariko ni irikomeye: umuntu ahinguka canke akura ku ncuro zitatu gushika kuri zine mu buzima bivanye n’ibifungurwa afungura ingene bimeze. Kubura calicium mu mubiri si ikimenyetso ciza ku magara y’abantu.

Ikindi naco, amagufa afise ibice 30 kwi 100 vy’uburemere bw’ubwoko mfashamubiri ava mu mfungurwa dufungura. Ubwoko mfashamubiri buva mu bigize amata n’ivyo vya mbere bihanuwe ku magufa mbere no ku mitsi, eka n’ahandi.

Amata ubwayo asanzwe afise amazi atuma umubiri ubomba, akagira ibinure ariko ku rugezo rugereranye kurusha uko dukunze kwumva ko afise ibinure vyinshi. Amata arafise kandi ama vitamine nivyo bita ama Oigo-elements ,arazana ama oméga 3, nk’arya dukunze gufungura mu mafi, mu vyamwa vyo mu mazi, n’ibindi ngirakamaro ku magara binafasha kuronka itiro bitagoye..

Ariko, amata yagirizwa kuba atera indwara nyinshi nk’ukuvyibuha birenze urugero, indwara y’igisukari, indwara y’umirindi y’amarso, kanseri, eka n’igabanuka ry’imbuto ku bagabo canke indwara y’imitsi niyo kutumva, eka n’izindi. Ariko kenshi usanga abantu bihenze kuko izo ndwara ntizipfa kwizana uko nyene ngo ni uko umuntu anyoye amata. Iyo ayanyoye atigereye, ashobora kurwara n’izirengeye izo. Mugabo mu gihe yayanyoye atarengeje urugero, hakumusinsikariza ubuzima, azomukiza.

Imfungurwa imwe ntishobora gukwira abantu 100 kwi 100. Ishobora kugira ingaruka atari nziza kuri bamwe, abandi ntigire ico ikoze. Ukutakirwa neza kw’amata mu mubiri w’umuntu birashika na cane cane ku bantu bakunze n’abandi bo mu bihugu vya Aziya ariko ntikibuza ko banywa ama « Yaourt » amaforomaji canke amata make.

Kunywa amata ntibibujijwe canke ntangorane biteye ku magara y’abantu, gusa ni vyiza kwigerera igihe cose umuntu agire ayanywe kuko indeza rugero niyo mbi. Eka noneho, guhagarika amata burundu bishobora kugira ingaruka mbi ku magara y’abantu.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.