Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Turkiya intahe imwokereye yaremeye icaha co gutuka umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Miss Turkiya intahe imwokereye yaremeye icaha co gutuka umukuru (...)

Miss Turkiya intahe imwokereye yaremeye icaha co gutuka umukuru w’igihugu

mercredi 4 Ntwarante 2015

Ubucamanza bwo mu gihugu ca Turkiya buheruka kurengutsa Miss Merve Buyuksarac ku caha yagirizwa co gutuka umukuru w’ico gihugu Recep Tayyip Erdoğan. Ibitutsi yagirizwa yabicishije ku murongo wiwe wa Instagram.

Nk’uko ikinyamakuru Hürriyet Daily News co mw’ico gihugu kibivuga, urwandiko rukoze nk’ururirimbo"poeme" uwo mu Miss yasohoye kuri Instagram rwarimwo amajambo agize ururirimbo ruhayagiza igihugu. Ariko yaciye amera nk’uwuruhinduramwo ibitutsi vy’umukuru w’igihugu Erdogan.

Naho biri uko, Miss Merve Buyuksarac w’imyaka 26 arahakana icaha, avugako urwandiko "poeme" yatangaje maze rugaca no mu kinyamakuru gisohoka buri ndwi Uykusuz, atashatse gutukana, agira ati:"Nabigize nk’ugufyina kubera numva biryohera. Sinashatse gutuma umukuru w’igihugu Erdogan". Ivyo yabivuze intahe iriko iramwokera. Ikindi avuga ni uko yaciye afuta iyo"poeme"aho amariye kwumva ko ashobora gukurikiranwa n’ubutungane.

Icaha kikamwagira ashobora gupfungwa imyaka ine, aba n’abandi bavuga ko muri ico gihugu ubwigenge bwo gushikiriza iciyumviro buri kure nk’ukwezi.

Urwo rwandiko rwa Miss Merve Buyuksarac, ruje gutyoza umukuru w’igihugu Erdogan aheruka kuja ku butegetsi vuba (mu kwezi kwa Myandagaro 2014), aho yaramaze imyaka 11 ari umushikiranganji wa mbere.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.