Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mituelle ku bagendesha amapikipiki - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mituelle ku bagendesha amapikipiki

Mituelle ku bagendesha amapikipiki

mercredi 2 Nzero 2013

Ishirahamwe ry’abunguruza abantu ku mapikipiki m’UBurundi Amotabu ryarashizeho umugambi wo kuvuza abanywanyi baryo hamwe n’abandi babifitiye uburenganzira,ibikorwa bikaba vyaramaze gutangura.

Nkuko uwurongoye ishirahamwe Amotabu Romain Mbonabuca yabimenyesheje,iryo shirahamwe ryaraganiriye ryongera rigiriranira amasezerano n’ivuriro ry’abigenga Kira riri muri Quartier ya Jabe iri muri Komine ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura,ayo masezerano nayo akaba ari ayo kuvura abanywanyi b’ishirahamwe Amotabu hamwe n’abandi babifitiye uburenganzira.

Romain Mbonabuca yamenyesheje kandi,iryo shirahamwe ryavutse mu mwaka wa 2005,uwo mugambi nawo wo kuvuza abanywanyi baryo ukaba wari mu ntumbero nyamukuru z’ishirahamwe ariko ukaba utigeze utera imbere kubera abatwara iryo shirahamwe.

Mu gihe rero haheze amezi adashika abiri abarongozi bashasha batowe,umushingantahe Mbonabuca yamenyesheje ko uwunguruza umuntu wese atanga intererano y’amafaranga 500 ku munsi 80 akaja muri mairie,150 ya mituelle,70agafasha mu bikorwa vyo mw’ishirahamwe aya nayo 40 aja muri Amotabu 30 nayo aja ku cicaro ca Amotabu ku rwego rw’igihugu,200 akaba ayo umukuru w’igituro. Ayo 150 ya mituelle akaba atangwa n’uwunyonga ipikipiki umwe n’ukuvuga 4500 ku kwezi akaba avuza uwo anyonga ipikipiki,umukenyezi wiwe hamwe n’abana gushika kuri munani.

Nayo kubijanye n’indwara zikomeye harimwo nko kuvunika ari navyo bikunda gushikira abo banyonga amapikipiki,ngo umurwayi azojanwa mu bitaro avurwe ku mafaranga azorihwa n’ivuriro Kira.Akaba yamenyesheje ko ivuriro ritazohomba kuko uwo mugambi uzokora nk’amashirahamwe yo gushumbusha abagize impanuka.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.