Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu bitera indwara y’umutima hoba harimwo kudafungura mu gitondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mu bitera indwara y’umutima hoba harimwo kudafungura mu gitondo

Mu bitera indwara y’umutima hoba harimwo kudafungura mu gitondo

vendredi 26 Mukakaro 2013

Indwara y’umutima n’indwara mu zikunze guterwa n’ibinure vyinshi mu mubiri canke igaterwa n’ukungene umuntu aba afise ingorane z’ubuzima, zikamugora kwihanganira, agaca aza arinyegeza mu gufungura umwanya wose kugira yiyibagize ingorane ziba zimubakiye.

Gufungura gusa no gufungura ibikwiye ku mwanya biratandukanye. Abantu ntibari bakwiye gufungura kugira baheze ibwirizwa, ariko bari bakwiye gufungura mu ntumbero yo kugira amagara meza. Gufungura ibikwiye, ni ukuvuga ko mu mfungurwa dufungura hoba harimwo ivyunyunyu bikwiye, nka nsanganyangaburo, ntanganguvu na ndemamubiri. Ikindi naco ni vyiza gufungura umwanya uzwi wo gufungurirako, ni miburiburi gufungura gatatu ku munsi. Bitabaye uko, hari ingaruka mbi zitari nke zishobora gukurikira ku magara yacu.

Mu bushakashatsi buheruka gukorwa, ku bantu batari bake bagizweko itohozwa, vyaragaragaye ko abantu badafata imfungurwa zo mu gitondo bashobora gufatwa n’indwara y’umutima canke ikanabahitana gusumba abandi.
Iryo tohozwa rikaba ryagizwe ku bantu bagera ku bihumbi 27 000 bari hagati y’imyaka 45 na 82, bemeye ko bagirwako itohozwa hagati y’umwaka w’1992 n’uw’2008. Vyagaragaye ko abantu badakunze gufata imfungurwa zo mu gitondo, bafise ibice 27 kw’ijanai vyo gufatwa n’indwara y’umutima kurusha abafungura mu gitondo.

Hari inyigisho zitari nke zikunze gutangwa ku vyerekeye uguta ibiro kugira abantu bagabanuke. Muri izo, hari izivuga ko ari vyiza kugabanya urugero rw’ivyo umuntu yahora afungura, bamwe bagaca batangura gusimba gufungura. Ivyo navyo akaba atari vyiza kuko umuntu aca asonza kare agatangura gutoratora ibimwegereye vyose. Muri ico gihe, aca agira ibinure birenze urugero, bigaca bishobora kumutera indwara y’umutima.

Abo bantu bagizweko itohoza badafata imfungurwa zo mu gitondo, basa n’abantu bakiri bato kandi bakunda kunywa itabi, bakora iminsi yose, batarubaka urwabo, badakunze kwinonora imitsi, bakanywa n’inzoga nyinshi.

Kubwa Leah Cahill wo kw’ishuri rya Harvard School of Public Health, yagize icirwa, “kudafata imfungurwa zo mu gitondo, bifise ingaruka z’umutima zitari nke, nk’ubuvyibuhe burengeje urugero, indwara y’umurindi w’amaraso, ibinure vyinshi bibi na diabete, ari naho abantu baca bafatwa n’indwara y’umutima”.

Abantu bafungura mu gitondo bafise amahirwe yo kugira akayabagu gakwiriye kuko bafungura ibikwiye kurusha abadafungura mu gitondo kuko bobo ntibaheza ngo basubirize ivyo baba batafunguye mu gatondo. Bagira akayabagu karenze, bakaguma bafungura umwanya wose.

Ku bantu nabo indwara y’umutima ikunda kwiyadukiza bivuye ku mibabaro canke ubuzima baba bafise, ni vyiza kurondera ibibatwenza kugira bagume banezerewe, bakaja mu karuhuko gakwiriye, mbere ikirengeye, bakiha amahoro. Ikindi naco, n’ukwirinda kuja ahantu hari induru. Borondera ahantu hatekanye kugira n’umutima utere utekanye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.