Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiterwa kivura indwara nyinshi kigiye gukwiragizwa mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Igiterwa kivura indwara nyinshi kigiye gukwiragizwa mu Burundi

Igiterwa kivura indwara nyinshi kigiye gukwiragizwa mu Burundi

lundi 10 Ruhuhuma 2014

Mu Burundi hagiye gukwiragizwa igiterwa ngirakamaro ku magara y’abantu citwa Stévia kivura ndwara zitari nke. Biramaze kuboneka ko gishobora kurimwa kw’isi yo mu Burundi.

JPEG - 47.1 ko
Kabwa Charles yazanye igiterwa Stevia mu Burundi

Kabwa Charles, ni umurundi aba mu gihugu c’Ububirigi iyo igiterwa Stevia caje kiva. Charles avuga ko kimaze imyaka irenga 20 kimenyekanye mu bihugu vya Buraya no mu gihugu ca Afrika y’epfo kimaze imyaka 5 kirimwa. Kabwa ati :"stevia ni igiterwa c’igitangaro". Ivyo abivuga afatiye ku kamaro ntangere stevia gifitiye amagara y’abantu mu kuvura indwara zitari nke

Stévia ni igiterwa gisa n’urwatsi rutoto, gitewe ahantu hameze neza, kirakura kigashikana imetero hafi 2 z’uburebure. Amababi yaco matoto arasosa kurya kw’isukari. Ico giterwa kimara imyaka 4 kikamurwa incuro 3 ku mwaka. Amababi yaco barayanikira akavamwo isukari yitwa «Steviacide» ivura indwara z’umutima, z’igisukari, za Cancer, ivumbuka ry’imirindi y’amaraso, indwara z ’amenyo, ubuvyibuhe burenze «obésité» eka n’izindi nyinshi. Mu bihugu bamaze kwijukira Stevia, bagikoramwo inzoga «bières» n’imitobe «limonades» ata ngaruka mbi zifise ku magara y’abantu.

Nk’uko Kabwa abandanya abimenyesha, ivyigwa vyarakozwe aho ivu ryo mu ntara zose hamwe n’amazi yo mu Burundi vyagiye kugirwako ivyirwa muri za kaminuza zo mu Bubirigi, basanze ico giterwa giishobora kuba mu Burundi. Umurima wo gufatirako ungana ihegitari «1 hectare» uriko urakurikiranwa mu ntara ya Mwaro.

Iciyumviro co kuzana ico giterwa mu Burundi caje mu ntumbero y ogufasha Abarundi kurwanya za ndwara twadondaguye, hamwe n’ugufasha kwiteza imbere kuko kizoshorwa mu makungu. Ivyo bikavurwa na Kabwa Charles.
Charles arangiza avuga ko inyuma y’ivyirwa vyakorewe muri kaminuza y’uburundi mu gisata c’uburimyi, ico giterwa kigiye gukwiragizwa mu ntara zose z’Uburundi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.