IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Mu Burundi umuganga umwe avura abantu 25.000

Mu Burundi umuganga umwe avura abantu 25.000

dimanche 2 Kigarama 2012

Mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu OMS risaba ko hoba umuganga umwe ku bantu 10.000, mu Burundi ngo umuganga umwe avura abantu 25.000.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabina Ntakarutimana yamenyesheje ko aho u Burundi bwikukira, twari dufise abaganga 44 naho nyene b’abanyamahanga gusa. Aho hakaba hari ku rwego rw’ibihugu vy’u Burundi n’u Rwanda. Eka n’amavuriro ntiyari menshi kuko twari dufise amavuriro makuru na matoyi atarenga ijana (100) muri ivyo bihugu bibiri. Inyuma y’imyaka 50 u Burundi bwikukiye, mu gisata c’amagara y’abantu, u Burundi bwarateye imbere ku twigoro reta yagiye iragira kuko amafaranga ubushikiranganji bukoresha yavuye ku bice bibiri kw’ijana (2%) vy’ayo reta yakoresha mu mwaka w’2002, akaja ku bice indwi kw’ijana (7%) muri kino gihe.
Naho biri uko, nk’uko u Burundi bwabivuganye n’ibindi bihugu mu nama zagiye ziraba, igisata c’amagara y’abantu gikwiye kuronswa ibice cumi na bitanu kw’ijana (15%) vy’amafaranga reta ikoresha ku mwaka.

Akaba yaremeje yuko ubushikiranganji bwateye intambwe ishimishije, aho akavuga mu vyo kurwanya indwara no gucandagisha ibibondo kuko u Burundi buri mu bihugu bifise ibiharuro vyiza. Nanone nkuko tubikura mu kinyamakuru PPB, muri iyi myaka indwi iheze, reta y’u Burundi yarafashe ingingo zishimishije zo gushigikira igisata c’amagara y’abantu. Aho akavuga ingingo yo kuvuza ku buntu abana bari musi y’imyaka itanu, abavyeyi nabo bibungenze bakavurwa ku buntu kandi bakibaruka no ku buntu.

Ivyo vyagize ingaruka nziza ku magara y’abantu kuko impfu z’abana batoya zaragabanutse, eka n’abavyeyi bahitanwa n’imbanyi baragabanutse. Naho biri uko, umushikiranganji ngo atagerezwa guhimiriza abarundi gufungura neza kuko vyibonekeje ko abarundi benshi bagifungura nabi. Ikindi ni uko isuku rikiri rike mu Burundi. Ivyo bigatuma amagara y’abantu asinzikazwa n’indwara zivuye ku micafu.

Turangize tubamenyesha ko kuva u Burundi bwikukiye gushika uno musi, abashikiranganji mirongo ibiri (20) bamaze kubisikanya ku ntebe yo kurongora ubwo bushikiranganji bujejwe kubungabunga amagara y’abantu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.