Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mubarazi : Abanyagihugu barijukiye gukorera mu mashirahamwe y’uburimyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Mubarazi : Abanyagihugu barijukiye gukorera mu mashirahamwe y’uburimyi

Mubarazi : Abanyagihugu barijukiye gukorera mu mashirahamwe y’uburimyi

mercredi 11 Nyakanga 2013

Igiterwa c’imboga kirarimwa mu ntara nka zose z’igihugu. Ico giterwa kirakundwa kandi kirafise akamaro cane mu gihugu, kuko kiri mu bifasha igice kinini c’abanyagihugu, haba mu Burundi canke muri Afrika.

Igice kinini c’abarundi rero bakaba bakunda cane imboga, ndetse bakaba baziha ikibanza ciza mu mfunguro zabo. Nico gituma abarundi benshi baja hamwe, bakagira udushirahamwe tubafasha mu kurimira hamwe imboga.

Ishirahamwe twungurunani ryo mu ntara ya Muramvya rikaba riri mu mashirahamwe ateye imbere muri ico gikorwa c’ukurima imboga. Nk’uko umukuru w’iryo shirahamwe abivuga, Ferdinand Nkamicaniye, batazira Ferenge, ishirahamwe Twungurunani rimaze imyaka indwi ribayeho.

Iryo shirahamwe riri ku musozi Mpehe, rikaba rirangurira imigambi yaryo y’ukurima imboga ku nkengera z’uruzi Mubarazi, muri komine ya Muramvya. Rifashwa na CARITAS Burundi. Ishirahamwe CARITAS ryabahaye imfashanyo y’amafaranga ibihumbi 750.000 y’amarundi, kw’ishirahamwe rihurikiyemwo abantu 30, harimwo abakenyezi 2. Iryo shirahamwe rero rikaba ririma imboga ziri mu bwoko bw’ishu, ibitunguru, salade, epinari, n’ikaroti. Intara ya Muramvya rero ikaba iteye imbere ku burimyi bw’imboga n’ivyamwa.

Iryo shirahamwe rikunda guhura n’ingorane iyo bimbuye kuko imboga zibuze abazigura, zica zibora, aho bakahagirira agahombo kanini. Muri iyi minsi bakaba bariko bariyumvira ukwo boshobora kurondera umuduga woza urazimanukana i Bujumbura.

Iyo rero badandaje imboga, baraheza amafaranga avuyemwo bakayajana muri Coopec, kuri compte y’ishirahamwe, ayandi nayo baraheza bakakotamwo ibibanza vy’uguteragira izindi mboga. Abanywanyi b’ishirahamwe bakaba bafise umwete w’ugukorera hamwe mu ntumbero y’ukurwanya inzara, bakijukira iterambere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.